Mu Burundi hoba hashitse OMICRON, ya COVID19 yihindura?

Burundi

Haravugwa igwirirana ry’abandura ikiza ca COVID19 ku rugero ruteye ubwoba mu gisagara ca Bujumbura. Ingingo zokukigwanya zitari nke zimaze imisi zifatwa ariko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no ku rwanya ikiza ruhonyanganda SIDA ntibucerekana ibiharuro bwahora bwerekana uko vyifashe.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga , ibiharuro vy’abandura ikiza COVID19 bibandanya bigwira, reta ikaba yarashizeho ibibanza bitatu vyo gupima no gutangiramwo imiti yo kuvura ico kiza arivyo; ku bitaro vyo mu Ruziba, Bon accueil mu Bwiza hamwe no mu Kamenge aho bita kwa Ntiba. Aho hose bavugako hipimishiriza abantu batari bake kandi boba basanga hagati ya 50 na 80% yabo basanga baranduye COVID19.

Bakavugako ingingo zo kwirinda ico kiza murivyo bibanza zidakurikizwa ndetse bakibazako n’uwutari agwaye ashobora kuvaho yanduye kubera kwegerana cane; Kwaba ukwipimisha, gutora inyinshu hamwe no gutora imiti itangwa ku buntu aho habiri hambere hashobora kwandurira abatari bake.

Tubamenyesheko n’ubwo abategetsi bamaze imisi bafata ingingo zo kurwanya ico kiza, bafata n’ingendo kuraba uko zikurikizwa, atahimiriza ryo kwicandagisha ririko riraba kandi reta iguma yakira incanco zitari nke.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu nabwo bukaba butakimenyesha kumusi kumusi uko ibiharuro vyifashe eka mbere ntibamenyeshako coba ari cakiza gishasha ca COVID bita OMICRON  coba cashitse mu Burundi.