#Burundi: Abanyeshure bahora biga mu igihugu c’ urwanda bashikijwe ukwabonyene.

Mugihe ku musi wejo igenekerezo rya 14 ntwarante 2020 havuzwe umuntu umwe wumunyamahanga agwaye ikiza ca CORONAVIRUS mugihugu c’urwanda uno munsi hakiyongerako bane, abanyeshure babarundi bahora bigayo binjiye bigoranye, bashikizwa ukwa bonyene, abiga mumakaminuza bobo bikavugwako bari bakiri ku mupaka w’uburundi n’urwanda aho twakora iyi nkuru.

Guhera mu gitondo co kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 15 ntwarante 2020, ingenzi zasohoka mu Burundi vyavugwako zemererwa gusohoka ariko izinjira zikaba zitemererwa kwinjira mukwikingira COVID-19.

Amakuru ashikira ikiyamakuru Itara Burundi akavugako imodoka z’igisoda zoba zahengereye kukagoroba zigatangura gutwara abanyeshure b’abarundi bahora biga mu mu Rwanda, aho bari batashe kubera reta yaho yugaye amashure kubera ico kiza, bakaba boba banjanywe ukwabonyene mw’ishure ry’ubuganga ry’i Ngozi, aho bivugwako abanyeshure barihoramwo nabo boba bajanywe i Gitega.

Amakuru abandanya avugako abanyeshure b’abarundi bahora biga muma kaminuza ngaho mu Rwanda bobo gushika igihe c’isaha zitatu zijoro bari bakiri kumupaka uburundi buhana n’urwanda barindiriye ingingo iza gufatwa.

Tubamenyesheko ikiza ca CORONAVIRUS cataziriwe COVID-19 catanguriye mugihigu c’ubushinwa mukwezi kwa Kigarama 2019, kikaba kimaze gufata abantu barenga ibihumbi ijana, kigahitana abarenga ibihumbi bine kandi ko camaze gushika mubihugu vyinshi vyo kw’isi harimwo n’ivyo mukarere k’ibiyaga binini ndetse n’aka afrika y’ubuseruko nka reta iharanira demokrasi ya kongo, Rwanda na Kenya.

Abajejwe amafaranga y’abantu bakaba basaba abantu kwitwararika kugira isuku mugukaraba n’amazi meza n’isabuni, kwirinda gukoranako, kwirinda kuja abantu hakoraniye abantu benshi no kumenyesha abaganga igihe cose habonetse umuntu afise ibimenyetso vy’ico kuza. Mur’ivyo bimenyetso harimwo gukorora, kwumva ubushuhe, kujugumira, gucibwamwo …