Burundi: Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike asaba abarundi gufatana munda bakagwaniriza hamwe CORONAVIRUS(COVID-19)

Mw’itangazo yasohoye ku musi w’ejo igenekerezo rya 19 ntwarante 2020, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yaravuze aho ahagaze agirako atanga intererano z’ukuntu ikiza ca CORONAVIRUS cokingwa mu Burundi.

Ayo mashirahamwe afatiye ukuntu reta y’uburundi yanse kuvugako malariya yabaye ikiza mu Burundi mumisi iheze, ivyari gutuma uburundi buronka imfashanyo yo kuyigwanya, arasaba reta ko itosubira gufata iyo ngendo itabereye ahubwo igafata ingingo zikomeye zo gukinga no kugwanya CORONAVIRUS.

Ayo mashirahamwe avuga ko bizwi ko inyubakwa n’ibikoresho vyofasha gukinga ico kiza kibangamiye isi yose bidakwiye ari naco gituma yasavye reta y’uburundi gushiraho umugwi wo guhangara na CORONAVIRUS woba ugizwe n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ari nabwo bwoheza bugatwara uwo mugwi. Gurtyo bikazofasha mu gukwegeranya uburyo bukwiye.

Arasaba ko reta yotora itegeko ridasanzwe ry’uburyo bwokenerwa mu kugwanya ico Kiza.

Mushobora kwisomera ivyo ayo mashirahamwe yanditse biri mururimi rw’igifaransa muciye ngaha.