Burundi : Hari abantu biketsweko ibimenyetso vya COVID-19 kuri Hôpital Prince Régent Charles.

Nk’uko amakuru adushikira abivuga, hari abantu babiri ku butaro Prince Regent Charles ariko ibipimo bafashwe ejo igenekerezo rya 23/3/2020 bikaba bitaraboneka.
Mu gihe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwabeshuje inkuru twari twanditse zavugako hashobora gufatwa ingingo zo gusaba abantu ngo bagume mumazu, twahavuye turonka ayandi makuru avugako hari abantu babiri biketsweko ibimenyetso vya COVID-19 ku bitaro Prince Régent Charles vyo mu Buyenzi ku munsi w’ejo nyene.
Mugihe abaganga badafise uburenganzira bwo gutangaza ibiba vyavuye mu bipimo vy’abo bapimye, kubera ico kiza kibangamiye isi, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu nibwo bwonyene bwemerewe kubishira ahabona.
N’ubwo biruko abantu baguma basemerera barasaba abantu kubandanya bakurikiza ingingo zitangwa n’ubushikiranganji kuneza yabo bakagumya umutima, ico kiza kikagwanywa n’inguvu zose.
Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi avuye mu bitaro bitandukanye amenyeshako atabikoresho bikwiye abaganga bafise bikwiye vyo kwikingira no gupima abakekwako ico kiza ahubwo ko atagikozwe reta ngo ishire amafaranga akwiye mur’ico gisata vyihutirwa, kuneza y’abaganga n’ay’abanyagihugu muri rusange, abaganga aribo bambere bazohitanwa na COVID-19 munyuma ibara rigwe mu gihugu. « Atari udufukamunwa n’amashati y’ikiganga ntabindi bikoresho tubona » uko amakuru avuga.
Abo twavuganye bafise ubwoba ko arihamwe ico kiza coshika mu Burundi, abantu bokwicwa n’inzara boba benshi bafatiye kukuntu bivugwako abazoshirwa ukwabo bazokwirihira ivyo bazofatirayo bafatiye k’ubukene bwugarije igihugu. Bagatinyako no gusuma hazosuma abafise amafaranga mumazu hanyuma abakozi bareta basanganywe amadeni mu mabanki bakabura uko basuma, abasanzwe babayeho ku munsi ku munsi nk’abadereva b’abakinga, amamoto n’ama taxi, abakora mububare, abamwa, abikorera imizigo n’abandi bataraza. Bakabonako ubuzima buzoba bubi kurusha mugihe bavugako reta itanguye kwerekanako ata neza yabo yitayeho, « ico yashize imbere ni amatora, sinziko bazotorwa n’abapfuye! » umunyagihugu yibaza.
Twobamenyeshako ico kiza ca COVID-19 (CORONAVIRUS) kimaze gufata abantu barenga 300000 kw’isi abarenga 15000 bakaba bamaze guhitanwa n’ico kiza catanguriye mu Bushinwa muri kigarama 2019 ndetse kikaba kimaze gushika mu bihugu vyose bikikuje uburundi