Burundi: Biravugwako mu gupima ikiza ca #CORONAVIRUS hakoreshejwe uburyo bwa #PCR, hafatwa ibipimo bitari munsi ya bibiri, bifatiwe mu misi itandukanye.

Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya ikiza ruhonyanganda #SIDA mukwemezako ibipimo vyafatiwe abarundi babiri bagwariye mu bitaro Prince Regent Charles vyo mu #Buyenzi kw’igenekerezo rya 23/3/2020, amakuru adushikira hafashwe ibipimo vy’amaraso rimwe gusa.

Aho ni mugihe ico kiza ca #CORONAVIRUS arico #COVID19 bivugako kiboneka mu muntu hagati y’imisi ibiri n’imisi cumi n’ine umuntu acanduye, abahinga bakavugako iyo misi ishobora kurenga bivanye n’abasoda b’umubiri uwupimwe afise uko bakomeye.
Abatari bake bakabonako ubwo bushikiranganji bwoba bwarihuse guhakana ko ikiza ca #COVID19 bakibazako uwo mushikiranganji yoba akorera kumategeko y’umugambwe CNDDFDD washize imbere ivy’amatora y’imirije, amatora abanywanyi bawo birirwa bararirimba ko yaheze hasigaye gusinya, akirengangiza ivyo yarahiye.
Bagasabako ico kiza cogwanya hakoreshejwe inguvu nyinshi kandi amategeko yafashwe agashirwa mungiro na bose atamwana n’ikinono.
Tubamenyesheko ico kiza kibandanya ciha inganda mw’isi, igihugu c’ubutariyano hakaba hapfa abantu barenga 700 uko amasaha 24 aheze kandi ko mu #Burundi dufise amakuru ko hari abantu batatu mabaze gupfa bakekwako ibimenyetso vy’ico kiza ariko batashoye gupimwa ahubwo imiryango yabo ikaba yaratewe ubwoba ko iramtse ibishize ahabona izokwibonerako.


Soma page facebook