Abahinga bahejeje gushikiriza ko #COVID19 ibandanya yerekana ibimenyetso bishasha

Kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 ndamukiza 2020, abahinga bahejeje gushikiriza ko  #COVID19 ibandanya yerekana ibimenyetso bishasha ku mboneshakure z’iburaya.

Abahinga muvy’amagara y’abantu bavugako hari ibimenyetso bitari bimenyerewe kumuntu agwaye #CORONAVIRUS bisigaye vyibonekeza, nko kuva(lésion), gutakaza kwumva akanovera(perte de goût), kutanukirwa(perte d’odorat) n’ibindi. Bakavugako n’iyo umuntu yakize hashobora kwaduka ubundi bugwayi aho amahaha ashobora kutabandanya akora neza kubera ibikomere. Bagasaba ko abakize ico kiza boguma bitwararika uko babonye ibitagenda neza bagasubira kwa mu ganga kuko ngo baramaze kubona abasubiye gukorora kandi bari bakize.

Tubamenyesheko ibimenyetso bimwe bimwe vyari bimenyerewe kwari nko gukorora, kwumva ibicurane, kubabara mumuhogo, kwumva umuriro, kujugumira, kubura inguvu no gucibwamwo.

Mu kwirinda ico kiza bantu bagasabwa gukaraba n’amazi meza n’isabune, kwirinda kuramukanya kwaba gukorana muntoke canke guhoberana, kwirinda kuja mu bantu benshi bishitse naho bakaba imetero imwe hagati y’umuntu n’uwundi, kwambara umushwara canke akandi gatambara mukwasamura no gukorora canke umuntu agapfunya inkokora agakororeramwo, kwirinda kwikora mumaso no kwambara agafuka munwa iyo wegereye uwukekwako ico kiza.

Abo bikunda boguma muhira iwabo bakirinda ico kiza kigeramiye isi hari ibihugu bitari bike uwufashwe arenze irembo atamvo iboneka aca ahanwa n’amategeko ariko mu Burundi dusabwa gukurikiza neza abwirizwa reta imaze gufata gusa.