Burundi : Amatora yasivye kubera CORONAVIRUS

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu bwandikiye abaserukira uburundi mumakungu kur’uyu wa 15 ndamukiza 2020 ko umugwi CENI itagitunganije amatora hanze y’uburundi.

Mw’ikete Amb. Ézéchiel Nibigira yanditse, rigashirwako umukono n’umwunganizi wiwe Amb. Bernard Ntahiraja amenyesha abaserukira uburundi mu makungu bose ko kubera ingorane z’amagara y’abantu isi yose irimwo bitagikunzeko umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI utunganya amatora ya 2020 hanze y’uburundi.

Mugihe uwo mugwi ufise umuvugizi wawo ariko ivyo bikaba vyatangajwe n’uwahora arongoye umuhari w’imbonerakure z’umugambwe CNDDFDD asanzwe ari umushikiranganji muri reta, hari abaciye bavugako bigaragazako uwo murwi atabwigenge ufise mu matora yimirije.

Tubamenyesheko mugihe havugwa impari mubihangange vy’umugabwe CNDDFDD uri ku butegetsi, kuvyerekeye kwigiza inyuma amatora ya 2020 no mu Burundi nk’uko ibindi bihugu vyabikoze ngo abanyagihugu bakingirwe kwandura ico kiza ari benshi, amakuru abandanya adushikira avugako ico kiza ca CORONAVIRUS kibandanya kirandagata mu Burundi benshi bagapfa batanapimwe kubera bisaba kuba vyaciye ku mugwi wabishinzwe muri INSP.