Burundi : Ubwoba bw’intambara : Amasengesho ahushanye mu migambwe CNDDFDD na CNL yatanguye.

Kur’uyu wa 28 rusama 2020 umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi watanguye amasengesho i Gitega azomara imisi itatu yo gushimira imana intsinzi waronse mumatora yo kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020, umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa nawo watanguye amasengesho y’imisi indwi kugira imana ibaburanire urubanza bashize muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro rwerekeye ubusuma bwoba bwabaye mur’ayo matora uvugako ariwo wayatsinze hanyuma ukibwa.

Ikinyamakuru Itara Burundi carabagiriye amatohoza uko amatora yari kugenda atabusuma bugiyemwo, twatoye ko umugambwe CNL ariwo wari gutahukana amatora kubice birenga 55% umugambwe CNDDFDD ukaronka munsi ya 40%, ayo matohoza yabereye kumugaragaro, ibiharuro bivugwa ko vyegeranijwe n’umugambwe CNL be n’ibivugwa vyegeranijwe n’abacungereye amatora batumwe na ekreziya katorika bitagiye ahabona bikavugwako bitari kure y’ivyo mugihe umugwi CENI washikirije ko CNDDFDD watsinze kumajwi arenga 70% umugambwe CNL kumajwi ari munsi ya 30%.

Amatora aheze twaragize ayandi matohoza yerekana ibishobora kuba mugihe umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi wokwiba amatora ukoresheje umugwi CENI, navyone vyabereye kumugaragaro :

  • Mubantu 172 bagize ico bashikiriza
  • Ibice 35% bivugako hazoca haba intambara
  • Ibice 31% bikavugako amajwi yoca asubirwamwo guharurwa
  • Ibice 22% bikavugako hoca haba kwumvikana gushinga reta y’ubumwe
  • Ibice 12 % bisigaye bikavugako hoca hasubwirwamwo amatora.

Kubantu basenga bakaba basabwa gusenga, ndetse n’inama y’abepiskopi gatorika ikaba yasavye abakirisu “gusenge Imana yo nyene ibihe”. Hari mw’itangazo yashikirije yerekanako amatora yaranzwe n’ubusuma no guhohotera umugambwe CNL wahiganwa na CNDDFDD.

Mu butumire umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi watanze kubari bitavye igikorane c’imisi itatu catanguye kur’uyu wa 28 kikazohera kumusi wa gatandatu igenekerezo rya 30 rusama 2020, hari amajambo ari muri bibiriya ; Ingoma ya kabiri 6:12-17 avugako Imana atamuntu ahwanye nayo.

Ubutumire umugwambwe CNDDFDD watanze

Umugambwe CNL wowo ukaba watunganije amasengesho y’iminsi indwi utarinze kugirisha igikorane, akazomara imisi indwi, abazoyagira bakazosenga rimwe kumunsi igihe c’isaha icenda bari mubikorwa vyabo vya misi yose:

« Turazi ko mwababaye, murihebura, turabasavye mureme kuko Imana igiye  kugaragaza ukuri kwayo  mu matora  yabaye. Kugira ngo bikunde, mubasabwe ibi bikwirikira:
1. Umwe wese yitunganye n’Imana, yumve ko ari kumwe na yo (mwiyeze).
2. Umwe wese yitwararike kwibuka kuvuga aya majambo  imisi yose, igihe c’isaha icenda (15h00):

Dawe wa twese uri mw’ijuru, turazi ko  inzira zawe ari nyinshi, turakwingize udutunganirize.
Ivyo muzobikore mu misi  indwi. Turindire twizera, Imana igiye  gushira  vuba ibintu mu buryo.
Mur’iyo  misi  indwi, mwirinde guterana amajambo mabi n’abo  muzi ko badashigikiye CNL. Mubabarire indani mugabo ntihagire n’umwe mwereka ko mubabaye, Imana yacu igiye  kuduhoza.” Bimwe mubiri mubutumwa bwahawe abanywanyi ba CNL k’uruyu wa 28 rusama 2020.

Hari ababona ayo masengesho yatanguye mumigambwe ibiri ihanganye muri politike nko kugira ubwoba bw’ibizokurikira amatora. Ko bwoba ari uburyo bwo kurindisha abanywanyi biyo migambwe kugira bishitse hakaduka indyane bose bazobone ko Imana iri kuruhande rwabo.

Abandi bakabonako Imbonerakure z’umugambwe CNDDFDD utwarwa na Gen Mjr Evariste Ndayishimiye umugwi CENI washikirijeko ariwe yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu kuva 2020 gushika 2027, zishobora kuzoronka ubutumwa mur’ayo masengesho ko Imana igiye kuzorandura abahohotera abandi, gurtyo zikazoshobora kwica izindi zigapfungwa kugira ntizizotume Évariste Ndayishimiye afatwa nka Petero Nkurunziza, gurtyo aho masengesho akaba ayo kukebura.

Tubamenyesheko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro izosoma ivyavyuye mumatora atatu yabaye kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020 kw’igenekerezo rya 4 ruhenshi 2020 atagihindutse.

Abantu bose baba abashimye canke abatashimye ivyatanganjwe n’umugwi utegura amatora CENI bagiye barahanura, n’uko abarundi bokwirinda ico cose cobasubiza muntambara, ababijejwe bose bagakora icotuma hataba ukugumuka canke ubwicanyi bukurikira amatora.