Burundi: Ikiza ca COVID19 cashitse munzego zo hejuru mu gihugu.

Kurwanya ikiza ca COVID19 vyabaye akananira bahinga gushika naho candukiriye inzego zo hejuru mu gihugu.

Mugihe ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bumaze gushira ahabona abantu 42 gusa ko aribo banduye ikiza COVID19 harimwo umwe yapfuye, amakuru adushikira n’uko hamaze imisi hapfa abantu benshi i Bujumbura babonekako ibimenyetso vy’ico kiza ndetse hari n’abavugako ibikoresho vyo gupima umugera wa CORONA vyoba vyaraheze mw’isuzumiro rimwe ryemerewe gupima ico kiza riri kw »ishure ry’abaforoma INSP.

Kuri uyu wa gatanu igenekezero rya 29 ikinyamakuru gikorera muri Kenya  CITIZEN TV cavuzeko Denise Bucumi Nkurunziza, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’uburundi yakiriwe mubitaro vya kaminuza vyitwa “Aga Khan University Hospital” aho yatowe ingwara ya COVID19 co kimwe n’umwe mubari bamuherekeje. Aho ni mugihe yari yuriye indege yo gutwara indembe y’ishiramamwe AMREF mw’ijoro ryo kuwa 27 rishira 28 rusama 2020 avuye i Bujumbura aja i Nayirobi muri Kenya.

Hagati aho umugabo wiwe ariwe Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’uburudi akaba ari i Gitega mugikorane kizomara imisi itatu co kimwe n’ibindi bihangange vy’umugamwe uri kubutegetsi, igikorane co gushimira imana kuntsinzi y’umugambwe CNDDFDD waronse mumatora yo kuwa 20 rusama, intsinzi itemerwa na bose kikazohera kuwa 30 rusama catanguye kuwa 28 rusama 2020.

Kw’igenekerezo rya 21 rusama 2020 naho Muganga Thaddée Ndikumana, umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu akaba yarajanywe mur’ico gihugu kwivuza agaruka kw’igenekerezo rya 26 rusama 2020 buca aja munama nshikiranganji aho yabonetse atambaye kumunwa agatambara ko kwikingira CORONAVIRUS co kimwe n’abandi bashikiranganji.

Tubamenyesheko reta y’uburundi yirukanye abakozi bane b’ishiramahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu OMS harimwo n’uwuriserukira mu Burundi kw »igenekerezo rya 12 rusama 2020 kandiko ingingo zo kwikingira ico kiza ca COVID19 iryo shirahamwe rihanura zidakurikizwa mu Burundi.