Mugihe kw’igenekerezo rya 04 ruhenshi 2020 hitezwe gusomwa amajwi ntabanduka y’ivyavuye mumatora yo kuwa 20 rusama 2020 muri sentare yubahiriza ibwirizwanshingiro, hariko havugwa abantu bagenda gusinyisha bushasha ivyegeranyo vy’ivyitwako vyavuye mumatora.
Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi n’uko uwitwa Ladislas azwi kw’izina rya Mutinyasuka ava Mwico muri komine Kanyosha intara ya Bujumbura rural ariko akwira imitumba abwira abahagarikiye amatora kubw’umugambwe CNL utavuga rumwe na Leta ngo bashire umukono kuvyegeranyo vy’ivyitwako vyavuye mumatora bushasha.
Mutinyasuka bikavugwako agenda yambaye impuzu z’umugambwe CNL abwira abantu ko ariko arondera ivyo vyegeranyo kugira Agathon Rwasa azobitware muri sentare yubahiriza ibwirizwanshingiro mugihe nawe aba yanditse ivyo umugambwe CNDDFDD wamutumye ndetse akaba abemerera amafaranga avugako ari Rwasa yayamuhaye.
Amakuru dukura mu mugambwe CNL amenyeshako uwo muntu atari umunywanyi wa CNL ko abomubona bomwigirwayo kandi ko boba ari benshi barungitswe mugihugu cose kugira bahendeshe amafaranga abahagarikiye amatora yo kuwa 20 rusama 2020 baheze bakoreshwe mukwemeza ubusuma bwoba bwateguwe n’umugambwe CNDDFDD.