Burundi : Urupfu giturumbuka rw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Mugihe amakuru y’urupfu rw’umukuru w’igihugu yatanguye kumenyekana nk’ibihuha kur’uyu wa 8 ruheshi 2020, reta y’ubururundi ihejeje kumenyesha urupfu giturumbuka rwiwe rwabereye mubitaro i Karusi.

Tubamenyesheko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yohejeje ikiringo ciwe mukwezi kwa myandagaro 2020, ko amategeko avugako iyo umukuru w’igihugu atakiriho asubirirwa mumabanga yiwe n’umukuru w’inama nshingamateka agategura amatora y’uw’umusubirira ariko kubera amatora y’umukuru w’igihugu haheze kandi bikavugwako umushingamateka Pascal Nyabenda ariwe ayirongoye nawene yoba ari kumusego kubera ikiza ca COVID19, hari abatanguye kwibazako Gen Mjr Évariste Ndayishimiye ariwe yoca arahira ariko bikabanza guca muri sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro ikemezako ikibanza kihari. Ikibazo c’isubirizwa ryiwe kikaba kitaratora umuti. Inkuru tuzobandanya.

Ikinyamakuru Itara Burundi kirahojeje muryango wabuze hamwe n’abarundi bose. Imana ibashoboze kwihangana.