Ibihugu vya Sudani y’amaj’epfo be n’uburundi bifise amadeni menshi y’intererano bisabwa kumwaka, ashobora gutuma bikurwa mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, EAC munama y’abakuru b’ibihugu vy’uwo muryango yimirije.
Uburundi buheranye amafaranga y’intererano angana imiriyoni 15 z’amadorari y’abanyamerika ni nk’ayababa imiriyaridi 30 z’amafaranga y’amarundi bugakurikira igihugu ca sudani yepfo iheranye imiriyoni 27,8 z’amadorari y’abanyamerika.
Ivyo vyatumye munama iheruka y’abashingamateka b’ivyo bihugu basabako ivyo bihugu vyovanwa muri uwo muryango. Ingingo yo kubikuramwo igashobora gufatwa munama y’abakuru b’ibihugu yimirije niyo bitariha. Hari n’ingingo zivugako igihugu kititaba amanama ya EAC gikurwamwo, ibishobora gufata uburundi aho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aheruka gupfa atari acitaba amanama y’iryo shirahamwe kuva mumwaka wa 2015.
Abakozi b’uwo muryango bakaba batakironka imishahara yabo uko bikwiye, abashingamateka nabo baheruka amafaranga yo gusasa munama mukwa gatatu. Bikavugwako umukozi wese wa EAC amasezerano aheze aca yirukanwa naho yoba yokwongejwe ikiringo.
Ivyo bikaba biriko biba mugihe Libérat Mpfumukeko, umunyamabanga mukuru w’uwo muryango ari umurundi kandi uburundi buriko busaba kwinjira mu muryango w’ibihugu vyo y’ubuseruko no mubumanuko bwa Africa, SADC ibishobora gutuma butakaza icizere ko vyabunaniye kwubahiriza amasezerano y’ahandi.
Nk’uko abahinga babivuga uburundi bwirukanywe mumuryango w’ibihugu vya afrika y’ubuseruko bwohomba vyinshi cane: Kuva 2007 uburundi bw’injira mur’uwo muryango hari abakozi benshi b’abarundi baharonkeye akazi, abahora baja kurangura Tanzaniya, Rwanda, Kenya na Uganda ntibariha amafaranga yo gusaba Visa kandi hari n’imigambi myinshi yaranguwe uburundi bwaronsemwo inyungu. Uburundi buzohomba vyinshi.