Burundi : Umugambi wo kugwanya COVID19 uriko urangurwa gute?

Umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye yarashikitije mw’ijambo ko reta igiye gutanguza umugambi witwa: « Ndakira, sindandura kandi sinanduza » umugambi umaze gutuma abarundi batari bake bapimwa ko boba baranduye umugera wa CORONA mumisi mike utanguye.

Hari abafise amakenga uko uwo mugambi usobanura n’abandi bafise ubwobako benshi aho gukingirwa bazosanga bariko baranduzanya umugera wa CORONA.

Abambere bafise ikibazo.

Ndakira: Bati hari uwukira atagwaye canke bashatse kuvugako n’uwogwara COVID19 yokira?

Sinandura: Bakabaza icotuma bikingira ico kiza kandi batandura. Bakabonako iri ryungane rishobora gutuma n’ingingo zifatwa n’abajejwe amagara y’abantu zifatwa minwe minenerwe kubera bavugako CORONAVIRUS itobafata.

Sinanduza: Bakibaza nimba ico kiza kitandukira kuburyo n’uwoba akigwaye atokingira abandi avugako atanduza.

Aba kabiri bafise amakenga

K’umugwi wa kabiri bavugako bihweje abapima ico kiza ca COVID19 babonako bikingiye ariko bakorera ahantu hatagenewe kwakira abaye, abenshi usanga begeranye, baramukanya,…. Bakibazako umuganga ari hamwe akoresheje ibirato vy’intoke kubantu benshi baza kwipimisha ashobora kwanduza benshi bokwiyongera kubokwanduriraho.

Bagasabako hofatwa ingingo yo gutunganya neza ibibanza bizamwo abiketswe ariko ntibapfe gupima kuburyo abagwayi bashobora kuzogwira hakabura ibikoresho kandi vyariho.

Tubibutseko igihugu c’u Burundi ari kimwe mubihugu bike bitafashe ingingo zikomeye zo kugwanya COVID19 nko kwugwara ibibanza bihuriramwo abantu benshi: Amashure, amasengero, ibibuga vy’umupira n’ahand. Reta ikaba ivuga abababa 200 bamaze kwandura ariko amakuru dukura mubitaro bitandukanye avugako igitigiri ari kinini cane. Ico kiza ca COVID19 kikaba catanguriye mubushinwa muri kigarama 2019 kikaba kimaze guhitana abantu barenga 1/2 y’umuriyoni hamwe n’abanduye bababa 12000000 murabo abakize bakaba bababa 700000 kw’isi yose.