Ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa ryarize uko ryokura ibihano k’uburundi.

Mu nama yabereye k’urubuga ngurukana bumenyi y’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa,OIF kumagenekerezo ya 8 na 9 ruheshi 2020, harizwe uko uburundi bwokurwako ibihano hakurikijwe amategeko agenga iryo shirahamwe.

Uburundi bwari bwarafatiwe ibihano n’ishirahamwe OIF mumwaka wa 2016 kubera kutubahiriza agateka ka zina muntu kwa reta yar’irongowe na Pierre Nkurunziza aheruka gupfa.

Kur’uyu wa 9, umunyamabanga k’iryo shirahamwe, Louise Mushikiwabo yanditse kurubuga rwiwe rwa twitter ati:

« Inama nziza cane yabaye hagati y’abagize urwego rwamaho rw’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa, francophonie, yakoranye kur’uyu mugoroba i Paris: Intumbero y’ivyahavugiwe: Gukomeza gufashanya kw’ibihugu bigize ishirahamwe, kugira ubuntu, Kwibanda kuvy’abanyagihugu bakeneye hamwe no gukuraho ibihano vyari vyafatiwe uburundi hakurikijwe intambwe zitegekanijwe n’amategeko. »

Tugerageje guhindura Mukirundi ivyo Luwizi mushikiwabo yanditse.

Tubamenyesheko iyo nama yagira iya 110 y’iryo shirahamwe OIF rigizwe n’ibihugu 88 kandi ariyo yambere yabereye k’urubuga ngurukana bumenyi bivuye ku ngingo zafashwe n’ibihugu bigize iryo shirahamwe zo kugwanya COVID19.