Mugihe havugwa ubukene mugihugu cose, umushikiranganji Gervais Ndirakobuca arongoye ubushikiranganji butatu : Ubw’intwaro yo hagati mu gihugu, ubw’umutekano n’ubw’iterambere ridakumira yarakuye abatozakori bo mu gisagara ca Bujumbura mundwi iheze aca abasubiriza n’imbonerakure giturumbuka inyuma yo kubonako hari abadashikana amatagisi muri reta, akaba yafashe n’izindi ngingo bivugwako zitazokworohereza reta mvyeyi.
Gervais Ndirakobuca avugako atangazwa ko hari abakozi b’igisagara ca Bujumbura, iyo baronkejwe akazi ko kurongora amasoko baca bihutira kwubaka inzu nziza zataziriwe « Gasekebuye », ivyo akaba yabivuze munama yaraye imuhuje n’abatozakori bo mugisagara ca Bujumbura aho yanagiriyeko amenyeshako amabutike afatanye n’amazu yo kubamwo agiye kwugarwa guhera kw’igenekerezo rya 1 ntwarante 2021.
Uwo mugambi wa reta mvyeyi uriko ushirwa mu ngiro n’umushikiranganji Gervais Ndirakobuca uje uvuguruza ivyo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yama yashikirije aho asaba abakozi ba reta kwiyungunganya nk’uko abanyagihugu bavyidoga.
Abakozi ba reta, abikorera utwabo hamwe n’abatagize amahirwe yo kuronswa ubuzi canke ibibanza mumasoko yo mugisagara ca Bujumbura bakaba bari bamaze imyaka itari mike baza bariyungunganya, uwushoboye kwubaka uburaro akaba akenshi yashirako ibutike kuburyo ababanyi bamushorera ibikenerwa cane muma karitiye, cane cane imfungurwa, amasabune, eka n’utundi twinshi gurtyo umwanya baba bacishura amadeni y’amazu bagashobora kwibeshaho.
Uwo mugambi wo kuzodandariza mu masoko gusa no kwugara amabutike ukaba utakiriwe neza n’abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura, bavugako umushikirangaji yoba yihuse gufata ingingo kuko ngo atoba yariyumviriye ingarukambi zoba ziri inyuma, bakavugako nimba ari amakori reta ishaka gutoza yoshiraho ingingo ituma uwudandaza wese ategerezwa gutanga amakori.
Twobamenyeshako murabo hari ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura yahiye kw’igenekerezo rya 27 nzero 2013 n’ubu itarasanurwa mugihe iyahiye mu Kamenge umwaka uheze yoyo iza iri muguhera gusanurwa. Abatari bake bakaba bacibaza uko bagiye kubandanya babaho mu gisagara ca Bujumbura mugihe imvugo ya reta yojana n’ingiro.
Tubamenyesheko mungingo reta yafashe kuva umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye arahiye kw’igenekerezo rya 18 ruheshi 2020 , azoba ariyo ngingo yambere yihuse gushirwa mungiro muminsi 245 akwiza kubutegetsi aho bukera kw’igenekerezo rya 18 ruhuhuma 2021 ni ukuvuga amezi umunani.