Burundi : Bazohora batangishwa umuriyoni w’amande

Mu nama yahuje abadandaza n’abajejwe intwaro bo mu ntara ya Ngozi kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 21/7/2021, abandandaza bamenyeshejwe ko uwuzorenza ibiciro vy’isima ya BUCECO, ivy’ibinyobwa vya BRARUDI canke ivy’isukari ya SOSUMO azotangishwa amande y’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi(1 000 000Fbu).

Ibiciro vyanshinzwe na reta bikaba ari : Primus 1500FBu, Amstel 1900 FBu, Royal 2200 FBu, isukari 2500 FBu, isima 25500 FBu.

Hari hamaze imisi hatangishwa amande kurico caha ari hagati y’ibihumbi amajana abiri n’amajana atanu(200000FBU-500000FBU kandi ico mwomenya n’uko mu nteguro y’amafaranga reta izokoresha mumwaka wa 2021/2022 hategekanijwe kwinjizwa amafaranga arenga imiriyaridi zitandatu avuye mu mande azotangishwa abanyagihugu bazoba barenze kumategeko atandukanye.