Burundi : Abakozi batobato bo kuri ETS Kiremba Sud basaba gufatwa nk’abarezi baramurira igihugu

Burundi, Amakuru

Mumashure afise uburaro yo mu Burundi hari abakozi bo mugikoni, abazamu hamwe n’abakora isuku no kuri ETS Kiremba Sud ben’abo bakozi bariho. Basaba kwongerwa umushahara bakongera bagafatwa nkabarerera igihugu.

Twaganiriye n’umwe yegereye abakozi bo kuri ETS Kiremba Sud iri muntara ya Bururi, uwo atashatseko tumuvuga amazina yabwiye ikinyamakuru Itara Burundi ko abakozi bakora ubuzi butobuto nko guteka n’ibindi bahembwa amafaranga atarenga ibihumbi mirongo itatu (30000FBu) ku kwezi n’abarenza imyaka cumi y’akazi bakaba batigera baduzwa imishahara.

Bavugako n’amafaranga batangirwa muri INSS ngo azobasahirize bageze muzabukuru batabona akamaro kayo narirya benshi bagwara bivuye kuburuhe ariko ntibavuzwe. Uwugwaye arimenya kandi bavugako bakora akazi k’inguvu gatuma bagwaragurika bakabonako atanumwe azoshobora gushikira amafaranga ya Pasiyo agikora akazi neza kubera amafaranga y’intica ntikize bakorera adatuma botera imbere. Bakavugako bamaze imyaka itanu batakamba kugira barenganurwe ariko n’ubu bakabonako umengo ntibariko barumvirizwa.

Twagerageje kurondera Bukuru Déo, umuyobozi wa ETS Kiremba Sud ariko ntitwashoboye kumuronka ngo agire ico ashikirije kur’iyo myidogo y’abakozi batobato bari mubo arongoye.  Mwebwe aho muherereye ben’abo bakozi bafashwe gute ?