#Burundi: Impunzi z’abarundi zahungiye mu #Rwanda hari izagiriwe amahirwe ziriga amashure n’imyuga harimwo n’izize ubuhinga bwo kujisha impuzu.

Mugihe ubuzima bwo mu buhungiro buba bugoye, ishirahamwe Maison Shalom rirongowe n’umupfasoni Marguerite Barankitse ryarafashije kandi rigifasha impunzi kwiga. 
Hari abigishwa mu mashure y’imicuko, ayisumbuye na kaminuza ariko turetse abo hari abigishwa icongereza abandi imyuga nko;
•Gucapa
•Kubarira
•Gufotora
•Guteka
•Kujisha impuzu
N’ibindi. 
 » Uwo muvyeyi aragahezagirwa n’Imana ariko arubaka uburundi bwejo umwaka impunzi twatahutse abasigaye mugihugu c’amavukiro bazobonerwaho kwiga ubwo buhinga tubonerweho kwubaka uburundi twipfuza » Ayo ni amajambo y’umwe mubaronkejwe izo nyigisho.

Tubamenyesheko iryo shirahamwe risigaye ryarabaye mpuzamakungu kandi ko Marguerite Barankitse arirongoye yama yaronkejwe ubushimwe butandukanye harimwo akitiriwe Aurora ko mumwaka wa 2016 kandi ko nubu rigikeneye abagiraneza barifata mumugongo kugira rifashe impunzi nyishi. 
Rikaba rifasha impunzi ziri mw’ikambi y’impunzi y’i Mahama ndetse n’izo mubisagara bitandukanye vyo mu gihugu kibanyi c’u Rwanda, abanyeshure amajana bakaba bamaze guheza amashure yisumbuye muhihe n’abo ryigisha kaminuza bimirije gugeza amashure ku bwinshi.