Ingaruka mbi y’intambara ihuza uburusiya na ukraine mu Burundi : Igitoro kigira kiduzwe cane, isomere

Nubwo hari haciye igihe gito ibicoro vy’igitoro bidugijwe bikava kuri 2400 bikaja kuri 2700 FBu kw’iritiro , guhera ejo gishobora  gusubira kuduzwa kigashirwa  kuri 3400FBu kubera intambara iriko ihuza uburusiya na Ukraine.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga  igitoro co mu bwoko bwa essence coba kigira kive kuri 2700FBu  gishirwe kuri  3400FBu ica Gazoil naco kive kuri 2650 FBu 3300FBu kw’iritiro mugihe atacohunduka .

Tubamenyesheko mu gisagara ca Bujumbura atabaciyunguruza n’amakinga canke ama moto n’ama tuk tuk kugira baganye amafaranga boguze igitoro kandiko intambara ihuza uburusiya na ukraine ikibandanya kandi atawuziko n’ubu ivyo biciro bidashobora gusubira kuduzwa umwanya uwariwo wose.