Burundi: Abayobozi ba ABER baridogerwa ko boba banyuruza ubutunzi bwa reta

Eric Mpayimana, umuyobozi mukuru, Audifax  Arakaza , umuyobozi w’ubuhinga na Frédéric Niyonzima, umuyobozi ajejwe intwaro n’ubutunzi, bose b’ikigo kijejwe gukwiragiza amatara hagati mu gihugu ABER baridogerwa n’abakozi biryo shirahamwe ko basesagura ubutunzi bwa reta. Gutanga akazi n’amasoko kuri kamwana wa mama n’ibiturire bikavugwako babigize umugenzo hamwe no gusohora amafaranga arenze urugero atabikorwa biboneka biba vyakozwe. Hagatangwa akarorero k’akazu ataco gakora  kasanuwe kumafaranga 29 000 000FBu atabati canke itafari rigizwe.

Akazu k’icumba kimwe kasanuwe kumafaranga 29 000 000FBU muri ABER

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, abo bayobozi  twavuze ata myaka myinshi baramara bagenywe kurongora ico gisata co gutanga umuyagankuba hagati mu gihugu uko ari batatu. Akazu ka sugwumwe kamwe mutwubatswe kubiro vy’iryo shirahamwe bandikako katwaye 10 000FBu. Kandundura akaba ari akazu abakozi baho bataziriye uburuhukiro(Morgue) kasanuwe ku mafaranga imiriyoni mirongo ibiri n’icenda( 29 000 000FBu) amatafari n’amabati vyari bisanzweko, kandi ako kazu ataco kariko karakoreshwa.

Abakozi  baho berenga ijana bakaba bafise amakenga ko kur’ugomero rwubatswe mu Ryarusera, Biogaz yubatswe kuri Lycée Makamba hamwe n’ivyariko vyubakwa muri komine Butihinda, aho hanyuma ibikorwa bikaba vyaratswe abariko barabikora bihabwa abandi kuri hafi imiriyaridi zibiri.  Abo bakozi Bakaba bicurako hose hakoreshejwe amanyanga no  guhindura impapuro z’amanama (PV) no kurya igiturire.

Ntitwashoboye kuronka abagirizwa ngo bagire ico bavuze kuvyo bagirizwa. Ari hamwe amakuru yobashikira botwandikira kuri mail: itaraburundi2014@gmail.com tukavugana. Tuzoheza tubabwire ico bazotubwira.