Burundi: Mbega umuntu anyoye amata y’inka yanduye irya ndwara yadutse abiki?

Burundi

Hataheze imisi hadutse indwara y’ibitungwa muntara z’uburaruko bw’uburundi, aho inka, impene n’intama zifatwa ziva umwuna zikagira ubushuhe burenze urugero, mu ntara ya Ngozi honyene hamaze gupfa inka zirenga 100. Ikaba yamaze kurandagata no muntara zose zegeranye ndetse n’intara ya  Bujumbura itazegereye ikaba yahashitse. Abajejwe intwaro bafashe ingingo yo kubuza uruja n’uruza rw’ivyo bitungwa hamwe no kurya inyama zavyo ariko ibibazo mu banyagihugu biguma biba vyinshi.

Burundi
Ikiyamakuru Itara Burundi casabwe n’umunyagihugu kubaza kino kibazo

Nk’uko amatangazo yababuramatari b’intara za Kirundo na Bujumbura abivuga, iyo ndwara imaze imisi ifata ibitungwa ishobora no gufata abantu ari naco gituma bafashe ingingo yo kubuza abihereza inyama y’inka, impene n’intama kubangira gushika hafashwe ingingo nshasha ibemerera.

Ntabitigiri vy’abantu bamaze kwandura iyo ngwara birashirwa ahabona kandi bivugwako yamaze kujabuka imbibe z’uburundi.

Mweho ntabibazo mufise kur’iyo ndwara?