Abarundi bagiye kunanirwa kugura amamesa

Mu nama nshikiranganji yo kuwagatatu 22 Rusama 2024 bapfunditse ko amatagisi atangwa ku mamesa ari ayashinzwe mu mwaka wa 2000 none ko ategerezwa kuduzwa nk’uko n’igiciro c’amamesa cagiye kiraduga.

Uyu musi ikilo c’amamesa kigurwa hagati ya 6000Fbu-8000Fbu. Benshi ntibagishoboye kugura akabido ka 5kg bagura akanusu canke ikilo kimwe. Hamwe vyoduzwa ninde azoshobora kuyagura?
Abarundi benshi bafise amikoro make none bazohora bafungura ibitagira amavuta ubwo nta ngaruka ku magara y’abarundi!

Abayadandaza bo bati ntaco bitwaye nibaduza amatagisi tuzoduza ibiciro ariko abaguzi bo ntibagira ayo bacira n’ayo bamira.