Burundi: Ibanki y’urwaruka, icibare ca Sixte Niyuhire

Hari amakuru dukura mw’ibanki y’urwaruka BIJ i Gitega avuga ko iyo banki igeze ahatemba kubera Sixte Niyuhire ayitwara.  Hari abakozi bamwe baronse ingurane bariko bariha inyungu kuri 10% mugihe abandi bariko bariha 4%, abakozi bari mumadeni kandi imishahara yabo idafashe bigatuma imyidogo igwirirana umusi kumusi.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga uwurungoye iyo banki yoba afise uruhara mungorane abakozi bariko baracamwo. Hambavu y’amanyanga aranavugwako n’ingeso mbi zitabereye umutegetsi wo kurwego rwiwe.

« Ibanki y’urwaruka bayibona uruzu ariko uworaba neza yosanga ruri muguhenuka » Uwaduhaye amakuru yongerako ko nubwo atagitigiri azi, bivugwako umushikiranganji w’urwaruka iyo banki ikukira yoba yaratoye amafaranga menshi bituma ibikorwa bigenda nabi, Ezechiel Nibigira bikavugwako be na Sixte Niyuhire boba bafise ico bahuriyeko biri munyungu zabo atari iza reta.

Tubamenyesheko kuva mumwaka wa 2020 iyo banki yitirirwa urwaruka itangura atamukozi numwe arongerwa umushahara kandi  n’urwaruka yitirirwa  rwidogako ingurane itangwa kuri  kamwana wamama kandi munyungu zitangana.