Abarundi n’abanyarwanda baba muri Zambiya bafashwe kubwinshi

Abarundi bafatiwe zambia

Abarundi n’abanyarwanda baba mu gihugu ca Zambiya bafatiwe mumashengero bajanwa gupfungwa kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 29 rusama 2022 kumugwa mukuru Rusaka, hari mu mukwabu umaze imisi atatu wo kurondera abadafise ivyangombwa.

Nk’uko amakuru ava mu gihugu ca Zambiya ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, abapolisi binjiye mw’ishengero rya Pentecote ry’abarundi riri ahitwa Kamwala South batazira Ribara bafata abarundi bariko barasenga baburiza imodoka barabatwara, rikaba ryasengeramwo ababa 500.  Bikavugwako  hari n’irindi shengero ry’abanyarwanda tutamenye izina babigenjeje nk’uko.

Mugihe bivugwako abadandaza ngaho Rusaka ku murwa mukuru w’igihugu ca Zambiya  boba ari nka 99% y’abanyamahanga cane cane abanyarwanda hanyuma abarundi,  Ubwo buryo bushasha bwo gusanga abantu  mumasengero bukaba bwatangaje benshi narirya baba bazi aho bakorera.