Amasengesho mpuzamadini yo kunguvu mu Burundi: Amashengero azoba yugawe

actualité du Burundi

Nk’uko vyama bigenda mu gusozera umwaka, umuryango w’umukuru w’igihugu wama utegura igikorane co gushimira Imana. Uyu mwaka hoba hategekanijwe igikorane mpuzamadini kuva  27-31 kigarama 2021 kukibuga c’umupira co kuri ETS Kamenge ku murwa mukuru w’ubutunzi i Bujumbura. Amashengero yose bikavugwako azoba yugawe kugira abakirisu bacitabire.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi avuye mubajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura abivuga, hategekanijwe amasengesho mpuzamadini azosozera umwaka wa 2021 azokwitabirwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.

Mur’iyo ndwi yose amashengero akazotegekwa kurungika abakirisu mur’ico gikorane.

« Reta y’uburundi ntiyegamiye idini na rimwe(Etat laïc » nk’uko bigenda muma reta amwamwe usanga ashingiye kuri isaramu, katorika n’ayandi madini. Kirazirako abajejwe intwaro bivanga muvyo kwemera kw’abantu.  Ari hamwe amasengero yokwugarwa n’umunota umwe, ibwirizwa nshingiro rizoba rihonyanzwe mu ngingo yaryo ya 31 yerekeye uburenganzira bwo gusenga. Muvyo nzi ntategeko ryatowe nzi ribuza abantu gusenga mu masaha y’akazi. Hategerezwa gutorwa itegeko munama nshingamateka kugira hafatwe ingingo ben’izo.» Umushinywamanza  Janvier Bigirimana, yanonosoye ivy’amategeko yishuye kubibazo vy’ikinyamakuru Itara Burundi.

Kubwa Luc-Eric Nduwimana, Umuhinga yanonosoye ivyirwa vya politike n’amategeko ajanye n’agateka ka zina muntu na mpuzamakungu agenga ibihugu, amashengero aramutse yugawe kubera kutitabira amasengesho mpuzamadini, hazoba hahonyanzwe amasezerano mpuzamakungu reta y’uburundi yashizeko umukono ajanye n’uburenganzira bw’abanyagihugu na politike. Yongeyeko ko ingingo za 19 na 31 z’ibwirizwanshingiro ry’uburundi zizoba zihonyanzwe.

Turetse ico kijanye n’amategeko vy’ico gikorane, ikiza COVID19 kibandanya kirandagata mugisagara ca Bujumbura. Atagikozwe ico gikorane kigashobora kuba ikibuga co kwanduriramwo ikiza ca COVID19 kubwinshi. Ni mugihe ivy’ivy’incanco no guhimiriza kwicandagisha ico kiza bikiri muminwe y’abagiraneza baterereye uburundi incanco zaco.