Burundi : Abajejwe indero mu makomine y’intara ya Cibitoke basabwa kwegeranya ibitasi vyo guterera amatora ya 2020 vy’abo batwara.

Mugihe  ibitasi vyo guterera amatora ya 2020 abanyeshure bo mu ntara ya Cibitoke barihiyeko bibitswe ku mashure yabo, abajejwe indero muma komine agize iyo ntara nabo basabwa kwegeranya ivy’abo batwara navyo bikabikwa.

Ivyo tegeko ryasohotse mur’iyi ndwi ataho ryanditse risaba ko umukozi wese akora mur’ico gisata c’indero mu ntara ya Cibitoke  azotanga  kwa DCE ibitasi yarihiyeko intererano z’amatora ya 2020 vy’imyaka ibiri.

Bikavugwako abo bazosanga bataterereye bazoca « babakorerako », kuronka  ibihano, nk’uko isoko ryacu mu Cibitoke ryabandanije ritubwira ariko ritashoboye kumenya ubwoko bw’ibihano biraririye abo bantu.

Tubibutseko umukozi wa reta wese yama akatwa intererano y’amatora ya 2020 uko ukwezi gutashe, kuri konte ahemberwako(Retenue à la source) ariko izo ntererano zindi zitangwa mu minwe ukwazo naho ari zimwe.

Imyidogo ikaba ari myinshi mu miryango kubera intererano z ‘umurengara itanga bivanye nuko abenshi basanga bazitanze  gatatu canke karenga : Abari mu mashirahamwe atandukanye, amasengero n’imigambwe basabwa guterera amatora ya 2020 kimwe kimwe ukwaco bataravye ayatanzwe n’imiryango canke ahandi.