Burundi: Abanyagihugu barara ntibuca mu ntara zitatu.

Umutekano muke niwo urangwa muntara za Bururi, Rumonge na Bujumbura kuva aho umurwi witwaje ibirwanisho winjiriye mu gihugu kuw’Imana uheze igenekerezo rya 23 myandagaro 2020 uciye muntara ya Rumonge abantu bagapfa abandi bagakomereka.

Mur’iri joro ryo kuwa 28 myandagaro 2020 muri komine #Mukike intara ya #Bujumbura havugwa umurwi w’abarwanyi wateye muri zone Bikanka, ukomeretsa abantu bataramenyekana igitigiri mumasaha ya satatu z’ijoro.
Aho ni mugihe ejo abapolisi bafashe urwaruka ku musozi Kivumu komine Mugamba intara ya Bururi, umuntu nawe yari yanyurujwe ahitwa Nyakibari hagati ya komine Mukike yo mu ntara ya Bujumbura n’umusozi Mukike wo muri Komine Mugamba intara ya Bururi akaba yatowe ikiziga kumutumba Gakaranka. Muri komine Bugarama naho muntara ya Rumonge hakavurwa umurwi waraye uriba mu Gahuni mw’ijoro ryejo, mugihe imiryango yabuze abantu 12 yarikigandaye kandi ikaba irara mw’ishamba kubera ubwoba.

Tubamenyesheko umuhari w’itwaje ibigwabisho Red Tabara wamenyesheje ko uri mu Rumonge aho uvugako watewe ukivuna mugihe abanyagihugu bo mur’izo ntara basigaye barara mwishamba.