Burundi: Hari ibikorwa vyahagaritswe kumabarabara ya RN1 n’iryitiriwe Mwezi Gisabo mu gisagara ca Bujumbura.

Mu ntumbero yo gushira mungiro itegeko ryasohowe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, kuwa kane igenekerezo rya 27 Myandagaro 2020, musitanteri wa komine Ntahangwa yarahagaritse ibikorwa bimwe bimwe birangurirwa kumabarabara ya RN1 n’iryitiriwe Mwezi Gisabo ari muri komine atwara kumvo z’isuku n’umutekano.

Ernest Niyonzima, musitanteri wa komine Ntahanwa arinawe jisho n’ugutwi rya reta mvyeyi/nkozi yishimikiza ivyatanzwe n’umurwi washinzwe n’itegeko ry’umukuru w’igisagara ca Bujumbura N°531.018/012/2019 ryo kuwa 10/10/2019. Uwo nawo ukaba wari washinzwe kugira usuzume ibikorwa birangurirwa kumabarabara RN1 n’iryitiriwe Mwezi Gisabo(ryahora ryitwa 28 Novembre) akoreshwa cane n’indongozi z’igihugu n’abandi banyacubahiro hamwe n’ubwinjiriro bw’igisagara ca Bujumbura, umurwa mukuru w’ubutunzi w’uburundi.

Mu bikorwa vyahagaritswe harimwo guhagarika imodoka, amatagisi, bajaji, amakamyo, amakinga n’amamoto kurayo mabarabara, kuhasudirira ivyuma, kuhadandariza ivyamwa, kuhafungurira no kuhanywera inzoga, kuhapakururira ibikoresho vyo kwubaka.
Kubahora barindirira akazi ahitwa kuri Main d’œuvre kuri RN1 hamwe n’abadandariza agasoko muri karitiye Taba kw’ibarabara rija kuri ETS basabwe kuhava ariko ntakibaza Musitanteri yaberetse canke ngo avuge kiretse abo banyuma basabwa kuja mumasoko nahone akaba atababwiye isoko n’uko boronswayo ibibanza.

Abanyagihugu bakorera n’abarondera ibikorerwa kur’ayo mabarabara bakabonako ari ubuzima bugiye guhagarara narirya abantu benshi babagana bahora bikora kungendeshwa kandi atahantu handi hategekanijwe kugira ntizihagarare kurayo mabarabara. Bagasaba reta Mvyeyi/Nkozi ko itobakorera ikibi co kubabuza gukora ahubwo igategura igicapo c’igisagara cokwubahiriza ivyo bisabwa. Ivyo bikaba bibaye mugihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amaze kuza mur’ico gisagara imisi y’imparurwa kuva aroye kubutegetsi kuwa 18 ruheshi 2020 kandi yama ahimiriza abarundi gukora.