Burundi : Abanywanyi b’umugambwe  CNL wa Rwasa Agathon n’abapolisi barahanganye, amaraso ashobora guseseka

Nk’uko amakuru dukura i Bujumbura abivuga,  ingoro y’umugambwe CNL urongowe n’umushingamateka Rwasa Agathon irugarijwe n’abanywanyi biwe hamwe n’abapolisi bahanganye kuva mw’ijoro ryo rya 19-20 Myandagaro 2023 bamwe banka ko Marie Immaculée Ntacobakimvuna ayinjira abandi bankako Rwasa Agathon ayinjira.

Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 20 Myandagaro 2023 avugako abanywanyi ba CNL boba barenga igihumbi (1000), umugambwe urongowe n’umushingamateka Rwasa Agathon ejo bagorobeje ari benshi kungoro y’uwo mugambwe iri ku Mutanga Nord i Bujumbura .

Bakaba barankiye umushingamateka Marie Immaculée Ntacobakimvuna aheruka kugenwa n’uruhande rurwanya Agathon Rwasa ngo arongoreCNL ivy’imfatakibanza yari aje kwinjira mungoro mw’ijoro.

Gushika hafi sacenda (15h00) aho twandika iyi nkuru  abapolisi bari isinzi bazungurutse abo banywanyi ba Rwasa kugira bacungere Rwasa Agathon ntahave yinjira kur’undi ruhande abanywanyi biwe banseko……hagira imodoka nimwe yinjira mur’iyo ngoro kiretse iz’igipolisi n’izigisoda.

Amakuru dukesha amasoko y’acu avugako umugambi wo gukura Rwasa Agathon mubukuru bw’umugambwe CNL wamaze gupfundikwa mu ntumbero yo kuwufuta maze umugambwe CNDDFDD uzoshike mu matora y’abashingamateka na nkenguzamateka mu mwaka wa 2025 usigaye uhiganwa mu n’umugambwe UPRONA gusa, uyu nawe uce uronka ikibanza ca kabiri mumatora.

Mur’ico gihe Rwasa Agathon bivugwako atabubasha azoba agifise bwo kwitoza ngo azohav atsinda amatora hanyuma umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD ukava kubutegetsi.

Tubamenyesheko umugambwe CNL umaze nkabiri wahagaritswe kubera urangwamwo amatati yatumye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buvyivangamwo.

Atagikozwe amaraso ashobora guseseka hagati y’abapoli n’abanywanyi b’umugambwe CNL.