Mugihe bivugwako abasoda bashoboye kuva muri reta iharanira intwaro rusangi ya Congo , RDC bashitse mu Burundi bagaca babasubizayo kurwana na M23 kunguvu, hanyuma abasoda ba RDC bagahungira Kelemie n’ubwato abandi bagahugira mu Burundi bakakirwa neza, abasoda 7 b’abarundi bahisemwo kwiyahuhura hako babandanya barwana intambara batumva.
Mu kiganiro Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE yarimwo catunganijwe n’iryo shirahamwe kumbuga ngurukana bumenyi yavuzeko abasoda bamwandikiye ubutumwa bamumenyeshako bari mu kangaratete aho ubuzima bwabagoye iyo bajanywe muri #RDC mbere 7 muribo bapfuye bamwe birashe abandi bitera ama grénades inyuma y’inama yabamenyeshako gutahukanwa mu Burundi atabirimwo.
Aho nimugihe abasoda benshi bazimiranye n’abagenzi babo muntambara yabahuje na @M23_ARC @afcongo i #Kamanyola mu buseruko bwa RDC, muri Bukavu.
Ubu bamwe bakaba begereje #Uvira n’amaguru, amaguru yaravyimvye, inzara n’ubukene bibarembeje abandi bakiri Kamanyola aho bagitegerereye barwana na M23 kuko ivyo gutahukanwa mu Burundi atabirimwo naho uwo muhari wari wabasavye kuva muri RDC vyihuse.
Muvyo Pacifique Nininahazwe yavuze bamubwiye harimwo y’uko n’uwufise amafaranga abura aho agurira ivyarya kubera abanyagihugu benshi bahunze intambara aho baherereye. Bavugako batangazwa nukwumva uwabarungitse ariwe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye adashakako bataha namugihe abasoda ba RDC bobo bahuye n’aba M23 hariho abacabagwana munda bakishikana.
Aha twobabwirako hari abasoda n’abapolisi bashika 3000 bishikanye muri M23 i Bukavu ubu bakaba bajanywe i Rumangabo kwigishwa ngo bafadikanye urugamba n’uwo bahora bagwanya.
Hagati aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye @GeneralNeva
yagiye kuraba mugenziwe wa @RDC Felix Tshisekedi I Kinshasa mw’ibanga ntangere kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2025. Ivy’Urwo urugendo ntaco reta y’uburundi irabivugako.