Burundi: Nkurunziza yaraye yishwe atemaguwe

Kury’uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 ruhuhuma 2023, umugabo yitwa Nkurunziza Melance w’imyaka 40 mwene Sinibagiye wo ku mutumba Kiyange komine Gisozi intara ya Mwaro yaraye yishwe atemeguwe n’abantu bataramenyekana.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, uwo mugabo yoba yishwe mumasaha ya sambiri na nusu z’ijoro yari yiriwe kw’isoko yo mu Kavovo riri muri komine Mukike intara ya Bujumbura, akaba yiciwe kur’ubibe rwa komine Gisozi na komine Mugamba, ababonye ico kiziga bakavugako yishwe atemaguwe.

Gushika ubu ntawuramenya abishe uwo mugabo asize abana munani, ikiziga ciwe kikaba caciye kijanwa kumuhana.