Inyuma y’ingingo zo gusubiramwo ikoreshwa ry’amafaranga y’agaciro mu burundi zasohowe n’ibanki nkuru ya republika y’uburundi, BRB kw’igenekerezo rya 17 nyakanga 2019 haramaze gufatwa abavunjayi batari muri ya cumi na babiri kuva kuwa gatatu gushika kuwa kane igenekerezo rya 26 na 26 nyakanga 2019.
Inyuma yo gufata i Bujumbura, umugwizatunga yitwa Kirahwata ku ejo igenekerezo rya 25 nyakanga 2019 yagirizwa kudandaza amafaranga y’agaciro kubiciro binyuranye n’ivya BRB yashinze, aho bivugwako ifaranga ry’abanyaburaya yarigurisha amafaranga arenga 3100 mugihe muri BRB atarenga cane 2060 y’amafaranga y’amarundi.
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 nyakanya 2019 hagorobeje hafatwa abandi bavunjayi barenga 11 harimwo uwita Issaa, aho abapolisi babafashe bari bazanye amagunira bagenda barundamwo amahera y’uwo bafashe. Amafaranga atazwi igitira akaba araye mu minwe y’abapolisi.
Hagati aho, Kirahahwata vyavugwa ko yahora aterera umugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD amamiriyoni atari musi ya 10 uko hageze ibikorwa bihambaye nk’amatora n’ibindi, akaba araye ugasho ka BSR ijoro rigira kabiri. Amafaranga yiwe akaba yaragiharurwa muri BRB aho abakozi bayo, umuryango wiwe n’abakozi ba kirahwata kuva mumasaha ya sayine zo mu gitondo(10 :00 ) gushika aho twaronka amakuru inyuma ya cumi na zibiri z’umugoroba (18 :00) batari bwaheme.
Amakuru turunka akavugako ububiko bw’amahera bune(4 coffres forts) bwari bwuzuyemwo amafaranga y’amarundi n’ayagaciro aribwo bwafashwe n’abapolisi imbere yo gufata nyene bureau de change Kirahwata.
Ayo makuru akabandanya atumenyeshako amanama yiriwe ari urutavanako mubarogoye umugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD kugira barabe uko iyo dossier ya Kirahwata na BRB yogarukira hafi banarabeko iyo ngingo iriko igirira ingarukambi abanywanyi bawo yohagarara canke bakaraba ingongo iyiherekeza mu ntumbero yo kutabandanya batakaza abanywanyi kubwinshi.
Aho ni mugihe amakuru adushikira avugako abanyamitahe bariko barahesha kuzana imitahe yabo mu Burundi inyuma yaho hafatiwe amafarana y’umu kiriya wa InterBank Burundi mu mezi aheze yari atwaye mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ariko agafatwa nk’umusuma n’ubu urubanza rukaba rutarahera, iyo ngongo ya BRB ikaba yaje isongera isibe bikaba bivugwako benshi mubagwizatunga bakoresha cane amafaranga y’agaciro bariko bararaba uko bokwugara amashirahamwe yabo batarahomba.