Burundi : Hashobora kwaduka yegereyegere mu bigisha.

Amafaranga amajana atanu akatwa umwigisha umwe wese kuva 2017 ashobora gutera ihagarikwa ry’akazi mumisi iza kubera umugambi COSSESONA uyatwara woba warataye intumbero yo gufasha.

Amakuru dukura mubarongoye amasendika amenyeshako mu ntango, amasendika yishize hamwe ari atandatu akagira ico bise COSSESONA mumwaka wa 2017, abigisha batanze amafaranga yo gufasha abanya kirundo bari bakiwe n’uruzuba, umwe wese akaba yatanga amafaranga ibihumbi(2000FBu) ku kwezi , bikavugwako abigisha bose ba ngana ibihumbi mirongo umunani(80000), baharuye bagasanga Victor Ndabaniwe yegeranya imiriyoni cumi na zitandatu kukwezi (16 000 000FBu/mois) ni kuvuga imiriyoni amajana atatu na mirongo ibiri (320 000 000FBu) mu mezi abiri ico gikorwa camaze. Mukwa kabiri no mukwagatatu 2019 naho umwigisha wese akaba yatanze amafaranga ibihumbi bitabu(5000FBu) ni kuvuga imiriyoni amajana ane (400 000 000FBu) tufatiye kuri cagitigiri ca 800000.

Abigisha bakaba batabona ayo amafaranga yose ico yakoze mugihe ubu atabagifashwa mu Kirundo canke ahandi hose hirirwa haraba ibiza.

Victor Ndabaniwe bikavugwako yashoboye guca muryahumye ama sendika atandatu y’abigisha akayigarurira akoranye n’umugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD mukwegeranya ayo mafaranga bitamugoye ari naco coba catumye atangura gutera ubwoba abigisha aho aherutse gusohora ifishe ngo bategerezwa gusinya kunguvu mukiringo kitarenze indwi imwe.

« Twasanze Victor Ndabaniwe ariko ariba abigisha, mu misi iza atagikozwe dushobora kuzohagarika akazi gushika bihindutse, ashaka gutangura gukata abigisha amafaranga amajana atanu (500FBu) kukwezi kuva mu kwambere 2020, ni ukuvugako azoca arenga imiriyoni amajana ane na mironngo umunani kumwaka. Ngira yibaza ko abigisha bamutinya kubera ava iwabo w’umukuru w’igihugu i Ngozi. » uko uwaduhaye amakuru yavuze.

Tubamenyesheko Victor Ndabaniwe, yize kuri ENA, ubu atwara syndicat SYNATEF, atwara kandi iyo COSSESONA(ihuriro ry’ama syndicats 6) akaba umukuru w’urwego nshingwantwaro(Président du conseil d’administration) w’ikigega gishinzwe ivy’uburaro bw’abigisha(FLE). Aho ni mugihe asanzwe ari umuhanuzi mu biro vy’umushikiranganji w’indero,inyigisho z’imyuga n’ubuhinga.