Burundi: Urubanza rw’igikibiriraho rw’umukuru wa zone Mwakiro

Kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 3 Myandagaro 2020, Barthazard Nyabenda, umukuru wa zone mwakiro yararengutse mu rubanza rw’ikibiriraho imbere ya Parake y’intara ya Muyinga yagirizwa kuba yashatse kugandagura musitanteri wa komine Mwakiro Sylvie Muhimpundu mu kwezi guheze.

Barthazard Nyabenda, umukuru wa zone Mwakiro uwasubijwe mu buzima busanzwe yahoze ari umurwanyi wa CNDDFDD akaba yafashwe ku munsi wa kane ingenekerezo rya 30 Mukakaro 2020 afise imbugita agomba kugandagura  musitanteri Sylvie Muhimpundu. Akaba yamukuweko n’abapolisi bamucungerera ubuzima, aho ni mugihe yari yamutumyeko ngo yisigure kubitara vyareta yirirwa aracamwo ibiti kandi atabubasha abifitiye.

Tubamenyeshe ko reta y’u Burundi imaze imisi yahagurukiye abagizi banabi aho nko muntara ya Makamba, abajejwe intwaro, umutekano barikumwe n’imbonerakure 16 bafashwe bagapfungwa bagirizwa kuba boba barishe impunzi zihunguka zivuye muri Tanzaniya zirenga 30 bakongera bakambura abahunguka ariko bo bakaba bataciriwe urubanza rw’ikibiriraho nk’uwo wo muntara ya Muyinga