Burundi : Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro arateye impungenge

Mugihe reta ya Petero Nkurunziza ibandanya yitegurira amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, abarundi n’amakungu babandanya berekana ko ayo matora adakwije ibisabwa.

Mwitangazo umugambwe SAHWANYA FRODEBU  wasohoye urerekanako ayo matora aje ahonyanga amasezerano ya Arusha yo mushinge w’ibwirizwa nshingiro ryahahora ryari ryatowe mu mwaka wa 2005; kubwa Bamvunginyumvira Frédéric yasomye iryo tangazo, iryo bwirizwa nshingiro ririko rihindurwa mugihe kitarico kandi uwo mugambwe FRODEBU ugiye kurondera abahinga bowufasha kwitura ubutungane kuko umugambwe CNDDFDD washize ahabona ubicishije kuri Melchiade Nzopfabarushe  ngo wo kwica abatavuga rumwe na CNDDFDD muvyo yavuga bagiye kuzohinyanyura munama nshingiro impinyanyuro atanumwe azozimenya.

Itangazo ry’umugambwe SAHWANYA FRODEBU

Reta zunzubumwe za amerika nazonyene zarashize ahabona itangazo rimenyeshako ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro rigira ribe mugihe kitabereye aho zimenyesha kandiko zihagaritswe umutima n’uyo mugambi wa reta co kimwe n’abepisikopi ba katorika mu Burundi aho nabo nyene basohoye itangazo nkiryo biyamiriza iryo hindurwa ry’ibwirizwa nshingiro hariho abarundi barenga igice c’umuriyoni bahunze badashobora kugira ico barivugako.

Bakamenyeshako bahagaritswe umutima niryo hindugwa ry’ibwirizwa nshingiro ariko bakavugako amatora arinze aba ko yoba mumutekano abarundi bakamenyako amatora aheze ubuzima bubandanya.

Tubamenyesheko ayo matagazo yose yasohotse muntango z’iyi ndwi kandi ko kw’igenekerezo rya mbere z’ukwagatanu 2018 kwiyamamaza vyatanguye ku mugaragaro, vyerekanako uwo mugambi ubandanya naho wiyamirizwa n’abatari bake.