Burundi: Urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi rwahakanye ivyavuye mumatora y’ibwirizwa nshingiro

Mugihe ejo kw’igerekerezo rya 17 rusama 2018 wari umusi w’amatora y’ibwirizwa nshingiro  mu Burundi, amatora yamaze kumenyekana ivyayavuyemwo mfatakibanza Ego yatowe kubice 74.18% mugihe Oya yatowe kumanota 19.6% muntara 18 zigize igihugu, abari muriyo bashikirije aho bahagaze kumajwi yavuyemwo.

Uwuserukira umugambwe UPRONA wemewe na reta, Abel Gashatsi yasohoye urwandiko aho yashimye ivyavuye murayo matora y’ibwirizwa nshingiro mugihe Agathon Rwasa wewe murwandiko yasohoye yerekanye amakosa yagiye araranga ayo matora.

Mwitangazo ryasohotse kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 18/5/2018 n’urunani rw’Abigenga Amizero y’abarundi berekanye ko ayo matora atari yubahirije ibisabwa ngo yitwe amatora yo mu mwidegemvyo aho berekanyeko kandi abanywanyi babo batotejwe ndetse umwe akanicwa muri komine Ntega intara ya Kirundo.

Bakabandanya bavugako ayo matora kubera atabwigenge canke umuco vyayaranze ko batemeye ibiharuro vyayavuyemwo ahubwo bagasaba umugwi wigenga ujejwe amatora mu Burundi ko woyafuta ugatunganya ayandi matora meza atunganijwe neza nk’uko amategeko agenga amatora abivuga. Bakavuga ko bariko baregeranya ivyemezo vyose vyaranze ayo matora ko yaranzwemwo amahinyu.

Agathon Rwasa yasinye kuri iryo tangazo akaba yarangije asaba abanywanyi biwe n’ab’urwo runani bose aho baherereye kubandanya batekanye kandi bafatanye munda.

Tubamenyesheko abatari bake bo muri urwo runani bapfunzwe mu ntara zitarinke aho mbere nko mu ntara ya Bururi bapfunzwe uwuruserukira mu ntara, Mwaro naho hakaba hafashwe umunywanyi w’urwo runani afise impusha z’abahagarikizi barwo bari gucungera amatora hakaba rero atanumwe yashoboye guhagarikira ayo matora atari abatanzwe n’umigambwe CNDDFDD n’abawushigikiye.

Kurikirana uko twagiye turabibashikiriza uko amatora yariko aragenda ejo kuri twitter yacu mu gufyonda ngaha