Hari umukozi w’ishirahamwe  Front Line Defenders apfungiwe mw’iperereza ry’u #Burundi

Nkuko amakuru adushikira avuga, hari igihe c’isaha zitandatu zo kumurango w’uyu wa gatandatu igenekerezo rya  17 Ruhuhuma 2018, Aloys Habimana, umukozi w’ishirahamwe Front Line Defenders yahagarikwa kurubibe Congo ihana n’uburundi n’abo barikumwe nabone bakaba bafashwe bajanwa i Bujumbura n’urwego rujejwe iperereza rya Perero Nkurunziza babanje gupfungirwa mu Gatumba.

Aloys Habimana yarajejwe gutunganya ibikorwa vyo gukingira abantu muri iryo shirahamwe muri afrika y’ubuseruko n’uburengero aho bakorana kuva 2012. Aloys Habimana akaba yarabaye icegera c’uwujejwe igisata ca afrika c’ishirahamwe Human Rights Watch.

Gushika ubu ntawuzi agasho bajanywemwo ariko ikizwi nuko iperereza ry’uburundi risanzwe ryagirizwa amabi menshi yo kubangamira agateka ka zina muntu mu kuboreza igufa no gufata nabi abaharanira agateka ka zina muntu ari naco gihagaritse umutima abaharanira agateka ka zina muntu kuri uno musi.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Front Line Defenders risaba reta y’uburundi ibi bikurikira:

1. Kurekura ubu nyene atakirinze gusabwa Aloys Habimana n’abo barikumwe.

2. Kuraba ko Aloys Habimana afatwa nk’umuntu,  nabo barikumwe, aho bapfungiwe hisungwe amategeko ategekanya uko umuntu afatwa iyo afashwe agapfungwa, ryemejwe n’ingingo(résolution) 43 munama ya bose igira 173 yo kuwa 9 kigarama 1988;

3. Guhagarika itotezwa ry’abaharanira agateka ka zina muntu bo mu Burundi  hamwe no kubarekera umwidegemvyo mu kazi kabo ka misi yose bakore baticura kwankirwa canke kudodoberezwa mu butungane.

Tubamenyesheko abaharanira agateka ka zina muntu be n’abamenyeshamakuru bahunze igihugu ku bwinshi inyuma yaho amaradiyo atuririwe n’inzego zari zijejwe kuyakingira igenekerezo rya 14/5/2015 abandi nabo bakaba baza baranyuruzwa abandi bapfungwa uburorero bwa hafi ni Germain Rukuki yigeze gukorera ishirahamwe ACAT na Nestor Nibitanga yigeze gukorera ishirahamwe APRODH bapfunzwe mbere n’ivyagiriji bikaba biza birahunduka uko bukeye uko bwije kugira ntibarekurwe.

Fyonda kuri Suivre canke Follow uciye ngaha >>>>> https://twitter.com/ItaraBurundi?s=08