Burundi: Patiri Simoni Ruragaragaza yitavye Imana

Inyuma y’imisi itari mike Patiri Simoni Ruragaragaza agwariye mubitaro POLYCEB, yitavye Imana kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 nzezo 2020.

Patiri Simoni Ruragaragaza akaba yari asigaye aba ku kirimba ca Musenyeri wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura inyuma yokurongora Paroisse Saint Joseph yo mu Ngagara imyaka myinshi.

Akaba ashengeye afise imyaka 83, yari yavutse mu mwaka wa 1937 i Bukeye muntara ya Muramvya. Yarajejwe amabanga atandukanye inyuma yo kwatirwa mu bapatiri mumwaka wa 1963. Bikavugwako yari ashaje cane kuburyo no mu misa vyashika agasinzira ariko arayisoma.