Burundi : Daniel Gelase Ndabirabe, umukuru w’inama nshingamateka yoba  agire asubirire umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimye ?

Umukirisu w’umuporoti, uwahoze ari umuvugizi w’umugambwe CNDDFDD ubu akaba ari umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gélase Ndabiraba asanzwe ariwe amateko avugako yosubirira umukuru w’igihugu iyo adahari, amaze imisi akora ibikorwa biri kubiri n’ivyo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yishinze kurangura. Hasigaye kumenyako abitumwa n’umugambwe n’uko yoba yatanguye imyiyamamazo batabizi.

Icambere cerekana ukudahuza kwabe n’umukuru w’igihugu

Kw’igenekerezo rya Ruhuhuma 2022 umukuru w’inama nshingamateka yaranse kwakira icengeranyo c’umugwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH munyuma ico cegeranyo kikaba cakirwa n’umushikiranganji wa mbere. Ni mugihe umukuru w’igihugu we yasikirije abarundi baba iburaya kw’igenekerezo rya 19 ruhuhuma 2022 ko akorana neza n’uwo mugwi.

Icakabiri cerekana ukudahuza kwabe n’umukuru w’igihugu

Kuruyu wa 24 ntwarante 2022, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagenye mumabanga umushingwamanza Frédéric François Niyonahabonye kuba umubitsi w’inyandiko ngirakamaro(Notaire) akorera muri komine Mukaza inyuma y’amezi makeya akuwe mukazi n’umukuru w’inama nshingamateka aho yari umukozi wayo.

Ivyerekanako Daniel Gelase Ndabirabe yoba ariko ariyamamaza

Muburuhuko bw’inama nshingamateka, umukuru wayo Daniel Gelase Ndabirabe yarazungurutse intara zitarinke zo mu Burundi :

Ati Buramatari n’umunyamabanga mukuru w’umugambe bategerezwa gukorana ari babiri, avugako n’umukuru w’igihugu adashobora kubaja hagati. Avuga ivy’inzego bitari bimenyerewe.

Ababikurikiranira hafi bakabonako yoba ariko yankanisha abanyagihugu hamwe n’umukuru w’igihugu aho bavugako izo nzego zitagisenyera kumugozi umwe. Daniel Gelase Ndabirabe akaba ari mubanugwanugwa kuba batipfuzako umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye anagura imigenderanire y’uburundi n’ibindi bihugu canke yumvikana n’abahunze igihugu.