Burundi : Général Cyrille Ndayirukiye, ahejeje gupfira mw’ibohero rikuru rya Gitega, yoba yishwe n’iki?

Cyrille Ndayirukiye

Kur’uyu wa 24 ndamukiza 2021 kumuhingamo, umwe mubagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza mumwaka wa 2015  ahejeje kwitaba Imana muburyo bwa giturumbuka bikavugwako yoba yariye uburuzi.

Ikinyamakuru Itara Burundi caronse amakuru yo mw’ibanga avugako Général Cyrille Ndayirukiye yoba yapfuye ahejeje kunywa amata, bakibazako ayo mata yoba yarimwo uburozi. Ikiziga ciwe kikaba caciye kijanwa muburuhukiro bw’ibitaro bikuru vya Gitega, umugwa mukuru wa Politike w’uburundi.

Ivy’urwo rupfu bimaze guca kumbuga ngurukanabumenyi, umwe mubakozi ba reta yitwa Jean Anastase Hicuburundi akaba yavuze kurubuga rwa twitter ati: Canke yatorotse agasho? Aho ni mugihe abakozi bo mw’iperereza batanguye kwandika ko Général Cyrille Ndayirukiye yapfuye yishwe n’indwara.

Général Cyrille Ndayirukiye akaba ari muri bamwe bapfunzwe bagirijwe gushaka gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015 bapfungiwe mur’iryo bohero abandi bakaba barahunze nka Niyombare ubu atawuzi iyo ageze, murabo hakaba harimwo abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru bose baciriwe urubanza rwo guherayo.  

Twobamenyeshako kw’igenekerezo rya 22 ndamukiza 2021 aho mur’iryo bohero rya Gitega hari hategekanijwe inyigisho zo gukunda igihugu kubanyoro bitegekanijwe ko bazorekurwa kuwambere no kuwakabiri amagenekerezo ya 26 na 27 ndamukiza 2021, atazigeze zihabera. Gushika ubu akaba atawuzi abazotaha bava mur’iryo bohero bari mubaronse ikigongwe c’umukuru w’igihugu co mw’itegeko yashizeko umukono kw’igenekerezo rya 05 ntwarante 2021 aho yari yanditseko rica rija mungiro uwo mwanya nyene.