Kaminuza y’uburundi yabeshuje inkuru y’urupfu rwa Joël Nindorera. Gute?

Joel Nindorera

Kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 ndamukiza 2021 niho hashingurwa umunyeshure Joël Nindorera wo muri kaminuza y’uburundi mw’itingo ry’abapfuye mu Cankuzo. Iyo kaminuza, yisunze ibivugwa n’ababanyi b’umuhisi, ikaba yabeshuje inkuru yavuzwe ko uwo munyeshure yahitanywe n’inzara.

« Ubuyobozi bwa kaminuza y’uburundi burabeshuje inkuru zitarizo zitembera kumbuga ngurukanabumenyi zivuga ivy’urupfu rw’umunyeshure Joël Nindorera yiga muwambere igisata c’indimi hatisunzwe ivyemezo vya muganga. Ababanyi b’umuhisi bo mu Kanyari baremeza ko yaragwaye. Kaminuza y’uburundi iragaragaje akababaro »

Ubutumwa bwa kaminuza y’uburundi yanditse kuri twitter

Joël Nindorera ntiyarushe akiri muzima gusa, n’ikiziga ciwe carajuragijwe nk’uko amakuru adushikira abivuga: Carabuze ikibanza muburuhukiro bw’ibitaro vyegukira kaminuza y’uburundi vyiriwe umwami Khared(Centre Hospitalo-Universitaire de Kamenge , CHUK). Ico kiziga ca Nindorera kandi nticaronkejwe ikibaza muburuhukiro bw’ibitaro na bimwe vyo mu gisagara ca Bujumbura, ahabonetse ikibanza akaba ari muburuhukiro bw’ibitaro vyo ku Mpanda.

Kuvyerekeye gushingurwa kwiwe

Umuryango wa Joel Nindorera wari wipfujeko yoshingurwa muri Zone Twinkwavu, komine ya Cendajuru intara ya Cankuzo hafi yaho avuka ariko kubera atabarabara ryiza rihuza Cankuzo na Twinkwavu rihari akaba yashinguwe mw’itongo ry’abapfuye mu Cankuzo kubera nahone bitoroshe. 

Joel Nindorera
Imva ya Joël Nindorera iri mw’itongo ry’abapfuye mu Cankuzo. Credit Photo: Privé

Ikinyamakuru Itara Burundi kimaze kumenyesha ivy’urupfu rwa Joël Nindorera kuri twitter, ubwo nyene haciye hasohoka ingurane y’agafashanyo(prêt-bourse) abanyeshure bo mu myaka yambere muri kaminuza inyuma y’amezi atandatu yaraheze batanguye ariko batayironka. Bikavugwako ishure umuhisi Joël Nindorera yigamwo ariryo ryoba ryahereweko. Abo muwakabiri no muwagatatu bakaba basabwekubandanya bihanganye mugihe umunyeshure wo muwakabiri yitwa Théophile Niyondiko nawe yitavye Imana kuwa 23 ndamukiza 2021 bivugwako yoba yahitwanywe n’ingaruka z’inzara.

Twobamenyeshako abanyeshure bo mu myaka yambere bataronswa amakarata yo kwivurizako(Mutuelle) n’abayafise bo muwakabiri no muwagatatu bakaba bidogako baronswa imiti bacumukuye mugihe hari abibazako abanyeshure biga muri kaminuza y’uburundi bose bari bakwiye kuvurwa kubuntu muri Roi Khared ndetse n’uburuhukiro bwaho bukakira kubuntu umunyeshure aba yapfuye kubera vyegukira iyo kaminuza.