Burundi: Ibitaro vyigenga Kira Hospital birasaba ibikoresho vyo gupima CORONAVIRUS

Imyuma y’imisi mekaya ibitaro vyigenga Kira Hospital bimaze bimenyesheje abavyitura ko atarivyo bijejwe kwakira abakekwako ikiza ca CORONAVIRUS, vyandikiye ikete ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu busaba ibikoresho vyo gupima ico kiza.

Mur’iryo kete ivyo bitaro vyanditse uno munsi igenekerezo rya 27 ntwarante 2020 vyamenyeshejeko haheze indwi zitatu vyakira abagwayi biboneka n’amaso ko bafise ibimenyetso vy’ikiza CORONAVIRUS arico COVID19 ariko kumusi wejo honyene bikaba vyakiriye abagwayi batatu bose.

Uwurongoye Kira Hospital amenyeshako kandi ko ivyo bitaro bifise icuma gipima COVID19 gikoresha uburyo bwa PCR n’abaganga b’abahinga, bigashobora COVID19 ari hamwe bironkejwe ibikoresho bashiramwo bita réactifs de dépistage mururimi gw’ikinofunofu.

Twobamenyeshako ikiza ca COVID19 kiriko kirabica bigacika isi yose aho abantu bafatwa bagashuha, bagakorora, bagacika intege, bakababara mumuhogo, bakajugumira, bagacibwamwo n’ibindi. Ibihugu vyose vyo kw’isi bikaba vyaraviriye hasi ico kiza catanguriye mu bushinwa muri kigarama 2019.

Abantu bose bagasabwa gukaraba amazi meza n’isabune, kwirinda kuramukanya bakoranako, kwirinda kurundana ari benshi, eka cane cane gukurikiza ingingo zigenda zirafatwa n’abajejwe amagara y’abantu mu bihugu ndetse n’ayatangwa n’ishirahamwe mpuzamakugu ry’amagara y’abantu OMS. Abantu 530 000 bakaba bamaze kwandura, abandi 25.000 bakaba barapfuye nk’uko ikinyamakuru Reuteurs kibivuga gushika ubu.