Burundi : Ibwirizwa nshingiro ntiriko rihindurwa n’abanyagihugu canke ku nyungu zabo ahubwo ni Petero Nkurunziza agomba arihindure ku nyungu ziwe bwite. #BSI

Ishirahamwe Burundi Soridarity Internationale (BSI) ryarungikiye ubutumwa abasirikare n’abapolisi b’uburundi kw’igenekereza rya 15 ruhuhuma 2018 ribahamagarira gukingira inyungu z’igihugu z’igihugu zoye gukingira inyungu z’umuntu umwe n’akagwi kiwe.

Mu rwandiko rw’impapuro indwi BSI ritanga uburumwa ku nzego z’igisoda n’igipolisi ngo kuko arizo zampaye umwambaro w’igihugu kandi arizo zishinzwe amahoro n’umutekano. Ribamenyesha ko guhindura ibwirizwa nshingiro mugihe hari ingorane zifatiye kuri politike n’imibano bizotuma igihugu kigwa mu manga aho Petero Nzurunziza azoca yiyimika bushasha n’umwami ntayegayezwa.

Rirabibutsa ijambo Barack Obama yababwiye mu mwaka wa 2005, akiri Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika aho yavuze ati: «  Mwarafashije kugarukana amahoro muri Afrika. Ubu mutegerezwa kugarukana amahoro iwanyu, mutivanze mu ngorane za politike mugukingira abanyagihugu bo mu   Burundi. Ibuka ivyo mushobora gukora ivyo muroye hamwe. Muri umwe. Harageze ko muhaguruka mugatangura igikorwa c’ubumwe naho kitoroshe »

Rikabibutsa ko amasezerano y’i Arusha niyo yavyaye ibwirizwa nshingiro, nkuko babirahiriye biyemeje guhagararira amahoro n’umutekano kuri bose. Badacagura, kandi bafise uruhara kw’ibwirizwa nshingiro, mu gukunda igihugu hamwe no gucungera umutekano w’abarundi bose atawuvuyemwo. Bikaba vyobahesha agaciro barengeye amabi Petero Nkurunziza yinjije mu gipolisi no mu rwego rujejwe iperereza.

Rikavuga ko kuva 2005, yinjije mur’izo nzego ingeso yo kwivanga mu vya politike kugira azisambure hanyuma asazire ku butegetsi.

Ariko naho bimeze gurtyo, abanyagihugu naho atagateka kabo katacubahirizwa, baracazitezeko ubutwari, inguvu, imvo, ukubanganisha no gukunda igihugu mu kugarukana amahoro mu Burundi.

BSI irabwira abajejwe umutekano mu Burundi ivyerekeye ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiiro ko rije kubakurako ubuhinga bahorana n’ubwigenge bw’inzego zabo, aho mbere n’isura bahorana mu makungu rigiye gufudika.

Rikavugako ikibabaje ari uko imishahara y’abasirikare n’abapolisi yama itangwa itevye mugihe imiryango yabo yamana ubukene butagira izina kandi kizigenza wabo ariko yegeranya amafaranga azomufasha muvyo yise amatora ya 2020 aho atwara amadorari amajana atanu (500USD) ku muntu umwe. Iryo shirahamwe rikabasaba guhagarara neza kuko ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro ritaje guhindurwa kubw’abarundi canke inyungu zabo ahubwo rije guhindurwa na Petero Nkurunziza n’akagwi kiwe kunyungu zabo.

Ribabwirako ahubwo bari kuba bamaze kubibona imbere yigihe, kuko iryo bwirizwa nshingiro rigiye guhindurwa ngo inzego zabo zibe ibikoresho vy’umugabo umwe n’umuryango wiwe nkuko yavyiteguriye kuva agiye ku butegetsi.

Rikababwira ko hariho Club yise NONOKA kugira abahoze bagwana muri FDD bagume batanga amategeko muri izo nzego, ukuntu habayeho ivyitwazo vyo gutembagaza ubutegezi nk’imikenyuro yo gupfunga abari barakoreye igihugu rigatanga uburorero bw’abigeze gufatwa amasanamu na Tereviziyo y’igihugu mu mwaka wa 2007 ari navyo vyafashije kugira Nkurunziza amenye abansi n’abakunzi biwe.

Rirabibutsa ukuntu Petero Nkurunziza yagerageje gucafuza inzego zabo igihe Colonel Vital Bangirinama yamarira aba FNL muri Ruvubu.

 Rikababwira n’ukuntu Petero Nkurunziza yafashe nabi inzego z’umutekano akazigaya gushika naho ashinga umugwi w’imbonerakure, zishobora gufata umusirikare w’igihugu zikamwambura umwambaro, zikamukukubagura ndetse no kuja munzego zija kugarukana amahoro hanze zikarungikwa mu mwambaro wazo mu buryo bwazo. Rigatanga akarorero ka Juvent Nduwimana yiyemerera ko yagandaguye ababikira batatu b’aba tariyano  bakorera mu Kamenge aho yari yarungitswe mu butumwa bwo kugarukana amahoro muri Somaliya yiswe ingabo y’igihugu c’u Burundi.

Iryo nshirahamwe riributsa ukuntu Petero Nkurunziza yazanye ka mwana wa Mama kugira yifatire mu ntoke ubutegetsi bwose azosazire muri ico kibanza mu gushiraho imigwi itonye kurusha iyindi mu basoda n’abapolisi rigatanga akarorero ka API, Brigade imucungerera ubuzima, igipolisi kijejwe kugwanya imigumuko n’ibindi.

Iryo shirahamwe “Burundi Solidarity International” rirangiza ubutumwa bwaryo rihamagarira inzego zijejwe amahoro n’umutekano mu burundi gukorera ineza y’abanyagihugu. Gucungera amahoro n’umutekana w’abarundi n’abanyamahanga baba mu Burundi. Guhagararira amasezerano y’i Arusha kuko asenyutse igihugu kizokwama mu marushwa.

Rikabibutsako bafise akazi gahambaye ko gukingira abarundi hakurikijwe amategeko ribasaba gukubitiza agatima kuri benewabo bariko baratotezwa bafatirwa ku gakanu gutora EGO ngo ibwirizwa nshingiro rihinduke ku nguvu z’inkota hanyuma Petero Nkurunziza abandanye asahura igihugu yongera atwaza umukazo.

Uwashize umukono kuri ubwo butuma ni Libérat Ntibashirakandi, PhD.

Arongoye akongera agaserukira ishirahamwe « Burundi Solidarity International »