Abanyagihugu bo mu Burundi baracurwa bufuni na buhoro bakongera bagatozwa intererano zo gufasha reta itwaza umukazo, raporo y’ukwezi kwa nzero ya @FORSC_BURUNDI

Nkuko rwama rusohora raporo uko ukwezi gutashe, urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya polikike FORSC rwasohoye raporo y’ukwezi kwa mbere.

Muri iyo raporo havugwamwo uko ubutegetsi bw’i Bujumbura bumaze imisi buhimiriza kuzotora EGO mu matora yimirije yo guhindura ibwirizwa nshingiro, butera ubwoba, buturubika, bupfungira abantu ubusa bwongera buboreza igufa uwo wese yiketswe ko adashigikiye uwo mugambi wo guhindura ibwirizwa nshingiiro ry’uburundi.

Iryo shirahamwe rivugako abanyagihugu bariko abazira uwo mugambi umaze ukwezi utangujwe wo kwigisha ngo ibwirizwa nshingiro rihindurwe. Petero Nkurunziza ngo akaba yararahiye ararengwa ko umwaka wa 2018  ari umwaka w « ibihano » ry’abo yise « intumva »  mu kirundi rigasobanura mu gifaransa « sourds », « têtus » canke « récalcitrants ».

Raporo ivugwamwo uburorero 17 bw’ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu nk’uko twabivuze aho hejuru gushika nako haterwa ubwoba abihebeye Imana, ivyo vyose bigatumwa n’uwo mugambi wo guhindura ibwirizwa nshingiro.

Iyo raporo iravuga kandi itangazo n° 01/2018 ryo kuwa 19 zero 2018, ry’umushikiranganji w’ubutare n’agataka  Côme Manirakiza riduza ibiciro vy’ibitoro aho ivyo mu bwoko bwa essence super na gasoil bisigaye bigurwa F 2 250 mu gihe petorori igurwa F 2 000. Essence na gasoil vyadugijwe amafaranga  150 peterori nayo iduzwa amafaranga 200.

Imbere y’uko ivyo biciro biduzwa hakoreshejwe uruyeri rwo gutuma habura ibitoro aho wasanga ku ma stations huzuye imirongo y’abarindiriyye ibitoro.

Ikibabaje nk’uko FORSC ribandanya ribivuga n’uko naho vyadugijwe ibiciro, ibitoro biguma ari umuzi w’ibuye. Rivugako ibiciro vy’ibifungurwa navyo vyaciye biduga kubera iryo duzwa ry’ibitoro.

Intwaro ihari irirengagiza igisata nkoramutima c’ubuzima bw’igihugu mu kucinzizamwo ivya poritike bimwe biteye ubwoba ; Abigisha bamaze imisi bahohoterwa, bakorerwa amabi atuma badakora umwuga wabo mu mahoro n’umutekano mu kazi kabo ka misi yose. Bamwe mbere no kwirukanwa bakanirukanwa bikaba bibabaje mugihe ivyo vyose biriko biba hari ubukene budasanzwe bw’abigisha mu mashure bigatuma abanyeshure bagwa mu mporero nk’uko iyo raporo ibandanya ibivuga.

Iyo raporo ikaba idasiga inyuma igisata c’amagara y’abantu aho ivuga abagwayi barenga amajana ane (400) bagwaye marariya muribo hagapfamwo abashika icenda (9) mu bitaro bikuru vy’intara ya Ngozi muri ukwo kwezi kwa nzero gusa 2018.  Ikavugako abarongoye ivyo bitaro bamenyeshako imiti bahabwa ngo bahe abagwaye itameze neza.

Iryo shirahamwe rikibutsa ko marariya yafashwe nk’ikiza mumwaka wa  2017 (Epidemie) imaze guhitana abantu barenga 3000 mu miriyoni indwi bari bafashwe n’ico kiza.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu akaba yarishimye ko yashoboye guhagarika ico kiza ca marariya ariko inguvu zikaba zigikenewe muri ico gisata nk’uko iryo shirahamwe ribandanya ribivuga

Imbere y’uko risozera iyo raporo, ishirahamwe FORSC ryemeza ko rifise amakuru y’ikwiragizwa ry’ibigwanisho mu rwaruka rw’imbonerakure bitangwa n’ubutegetsi mu ma zone ya komine Gitega, aho Valentin Nahimana, arongoye iyo komine hamwe n’umunyamabanga w’umugambwe CNDDFDD muri komone Eraste Ntahondi aribo bari bahagarariye ico gikorwa ndetse umutumba wose ukaba waruserukiwe n’urwaruka ruje gutora ibigwanisho. Mu rwaruka rwaronkejwe ibigwanisho havugwamwo : ku mutumba Bwoga: Felix Ndarubone, ku mutumba Mukanda: Cubwa Julien, ku mutumba Mubuga: Emmanuel Ntakarutimana.

FORSC irangiza raporo yayo isaba reta guaharika akatotezo igirira abanyagihugu, isaba abanyagihugu kwirinda gukurikiza inyigisho z’amacakubiri birigwa bararonswa, igasaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ishirahamwe ry’ibihugu vya afrika, UA n’iryibihugu vya afrika y’ubuseruko kubuza Petero Nkurunziz    a guhindura ibwirizwa nshingiro no kufasha kugira batabare abanyagihugu baronke amahoro. Rigasaba sentare mpuzamakungu kunyarutsa amatohoza ngo abakoze amabi bahanwe vuba

Tubamenyeshe ko mukeneye gusoma iyo raporo yose mwoca kuri forscurundi.org canke mufyonde NGAHA muyibike munyabwongo zanyu canke muma terefone