Burundi : Icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombaza ari mu bitaro

Kuva mu ndwi iheze icegera  c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombaza agwariye mubitaro Kira Hospital inyuma yo gufatwa na AVC.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, icegera  c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombaza agwariye mubitaro Kira Hospital mu Kinindo i Bujumbura kuva kuwa gatanu uheze. Bikavugwako yamugaye kubera guturika kw’imitsi yo mubwonko ivyo bita AVC, ubu akaba ariko aragororwa.

Ivyo biruko mugihe umuyobozi w’ivyo bitaro Dr Christophe Sahabo amaze  ukwezi muminwe y’iperereza yagirizwa gusesagura ubutunzi bw’ivyo bitaro bivugwako birimwo imitahe y’abanyamahanga. Hakaba hari n’amakuru avugako ivy’ifatwa ryiwe vyoba bifitaniye isano n’ubwoko aturukamwo asanzwe anasangiye n’uwo mutegetsi agwaye.