France : Emmanuel Macron yatowe ngo atware igihugu ikiringo kigira kabiri

Kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 24 ndamukiza 2022 niho haba amatora y’umukuru w’igihugu c’ubufaransa. Emmanuel Macron yarasanzwe ari umukuru w’ico gihugu akaba ariwe yatowe kumwajwi 58,2 kw’ijana mugihe umupfasoni  Marine Le Pen bahiganwa yaronse amajwi 41.8 kw’ijana.

Tubamenyesheko Emmanuel Macron azotwara iyindi mwaya itanu kandi ko ayo majwi ari ay’imfatakibanza agereranwa n’ikigo kijejwe ivy’amatora Ipsos polling institute.