K’uyu wa mbere igenekerezo rya 24 myandagaro 2020 niho hategekanijwe gushingurana iteka abanyagihugu 12 baraye biciwe ahitwa ku Muse muntara ya Rumonge aho bovugwako bishe n’umurwi witwaje ibigwanisho.
Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi amenyeshako hari abanyagihugu 12 bishwe ku musi w’ejo aho bivugwaki bishwe n’umurwi w’abarwanyi wateye mu Rumonge mumakomine ya Muhuta na Bugarama, inyuma yaho bari babikoreje ivyo bari basahuye mungo z’abanyagihugu no kugasoko k’ahitwa mu Gahuni.
Abajejwe intwaro bakaba bakoresheje amasandugu 11 kubera umwe basanze abiwabo bamaze gukoresha iyabo. Musitanteri wa komine Muhuta akaba yakoresheje isandugu 6 uwa komine Bugarama nawe akoresha amasadugu 5, bikaba bitegekanijwe ko bafubwa kuburyo bw’ayo ma komine abiri.
Bikavugwako abo bateye batanye mu mitwe n’abasoda, abapolisi n’imbonerakure guhera isaha cumi n’imwe gushika isaha zibiri zijoro kumusi wejo hafi y’ishamba cimeza rya Monge,mugihe abo barwanyi bari bashitseyo mumutwenzi. Biravugwa ko hari abapolisi bapfuye abandi barakomereka co kimwe n’abarwanyi bapfuye ariko akaba atagitigiri turaronka.
Uno musi mugitondo abanyagihugu bakaba bashoboye gutora umwana yari yatwawe n’abo barwanyi aho baciye bafata na babiri mubari bateye bari bamufise.
Intambara bikavugwako yabandanirije ahaherereye kw’ikambi y’igisoda yo mu Rutongo muri komine Muhuta aho bita Rushiga.
Haba kuruhande rw’igisoda, igipolisi canke abateye ntanumwe aravuga ivyarivyo . Abanyagihugu bakaba bafise ubwoba babonye ivyaraye bibaye, bakabandanya basaba reka ko yobacungerera umutekano wabo.