Burundi : Umurwi witwaje ibirwanisho wateye muri komine Bugarama intara ya Rumonge

Mugaturuturu ko k’uyu w’Imana igenekerezo rya 23 myandagaro 2020, umurwi w’abantu bitwaje Rirwanisho wateye muri komine Bugarama intara ya Rumonge, urasahura ibifungurwa n’ibitungwa ugenda utwaye n’abantu.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abimenyesha, abo bantu bari igitero c’abantu, bashitse munzu baca batwara ibitungwa n’ibifungurwa. Abantu indwi nibo tumaze kwumva batwawe n’uwo murwi ahitwa mu Gahuni muri komine Bugarama aho bagiye babikoreje ivyo basahuye.

Abanyagihugu bakaba bafise ubwoba bw’ababo batwawe n’abo bantu, bagasaba abajejwe umutekano kubafasha kugira abantu babo n’ivyasahuwe bigaruke.