Burundi : « Umushikirizamanza yobumvirije yagiye mw’ikonji ryo kuvyara »

Abo ni abavunjayi 15 mubaheruka gufatirwa mu gisagara c’ubutunzi c’uburundi, Bujumbura. Inyuma y’indwi zibiri bari bamaze bapfungiwe mw’iperereza, SNR , kuwa kane igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2024 niho bashikanwa mw’ibohero rya Mpimba, abandi bakaba babandanya bafatwa gushika ubu barenga 35 nkuko amakuru adushikira abivuga.

« Umushikirizamanza yobumvirije yagiye mw’ikonji ryo kuvyara » amajambo babwiwe binjijwe ibohero atanumwe yumvirijwe n’ubutungane ngo bamenye ico bapfungiwe.

Gushika ubu abavunjayi babandanya bafatwa eka n’abavyigeze barinze bababona mu gisagara ca Bujumbura baca bajanwa mw’iperereza. Abarenga 35 baramaze hufatwa kuva mumpera z’ukwezi kwa gatatu 2024.

Kugira umuntu abone uwumuvunjira amafaranga mvamakungu mu gisagara ca Bujumbura bisigaye ari ingorane, amazu nayo yemerewe kuvunja ayo mafaranga ariko akorera kumategeko aremereye nk’amabuye kuburyo menshi ashobora kwiyugara yonyene. Muvyo basabwa harimwo amadorari ibihumbi mirongo itanu vy’amadorari basabwa yo kuguma muri BRB nk’ingwati hamwe nuko gusangira umutahe ari benshi bisa n’ibigoye.

Izo ngorane z’amafaranga y’agaciro zikaba zunyuwe no kwipfugirako imipaka kw’uburundi bigatuma urudandazwa rucumbagira, ikid             andazwa cose kirangurirwa mu gihugu c’ubuganda kikaba kimaze kuduza ibeyi incuro hafi zibiri kubera urugendo ruba rurerure,  ubukene bukaba bubandanya bwimonogoza atagikozwe bigashobora gushikana igihugu ahantu habi cane.

Laisser un commentaire