Burundi : Igisata c’indero kirageramiwe n’ubukene bw’abigisha.

Ubushikiranganji bw’abakozi ka reta, akazi n’abakozi bubicishije mumugwi wogutanga akazi ka reta warakiriye amadosiye y’abipfuza akazi kubw’igisha bazohiganirwa ibibanza 1000 gusa mugihe kugira abigisha bakwire igihugu n’imiburiburi abigisha batari munsi 9000 aribo bakenewe.
Amakuru dukura mubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi amanyeshako abigisha bakenewe kugira amashure nshingiro be n’ay’inyuma y’ashure nshingiro akwigwe barenga 9000 mugihe ubushikiranganji bw’ikigega ca reta bwo bwemeye ko abigisha 1000 bonyene aribo reta ishobora guhemba.
Ivyo biruko mugihe hari abakukuruka mur’ico gisata bari hagati ya 300 na 500 bivanye n’umwaka ariko bobo bikavugwako baca basubirizwa n’abasaba gusubizwa mu bwigisha.
Uyu mwaka uza hagashobora kuba ubukene bw’abigisha butari bwaboneke mu Burundi na rirya abana bo mumashure matomato bigishwa ku buntu bigatuma n’abigisha b’abakutsa kivi babura ayo bahembwa kandi basahiriza.
Akanovera k’indero mu mashure kakaba kagenda kagabanuka aho bibonekera uko amashure yarushanijwe mukibazo ca reta kirangiza amashure nshingiro, intara zimwe zimwe zahora mu za mbere ariko ubu zikaba ziri inyuma. Bikavugwako abigisha batakiboneka muntara zimwe zimwe uko bakenewe mugihe hari n’abajanwa muzindi ndara sa kure kandi muntara z’iwabo ubukene bw’abigisha buhari.
Abavyeyi bamwe bamwe bakaba batanguye kwiyumvirako bobura batanga amafaranga atavuna y’ishure ariko abana bakaronswa ibikoresho n’abigisha hako babura kazoza ngo bariko biga ku buntu , bakavugako abategetsi bariko bakoresha uwo mukenyuro mukurondera amajwi ngo « Abana biga ku buntu » abana babo bobo biga mumashure yigenga aho biga neza ndetse no kurungikwa hanze bobo bikoroha mugihe umwana wa nyarucari bivugwako bibandanya uko abandanya amashure.

Umuyobozi w’indero muri komine Rumonge yafashe ingingo yo gutanguza amashure kare, ingingo nivugwako yofashwe n’umshikiranganji.
Itangazo ryahamagaza abatanga amadosiye.

Twobamenyesheko umwanya watanzwe wo gutanga amadosiye bivugwako atari abari basanzwe babizi ngo babe bafise ibisabwa vyari bigoye kwitegura, itangazo ryanditswe kuwagatanu igenekerezo rya 31/7/2020 hagaca imisi y’akaruhuko 2, mugihe amadoyise yatangwa imisi ibiri n’igice kandi abatanga amadosiye vyavugwako bari benshi cane narirya arico gisata cari cakiriye benshi mubashomeri barenga amamiriyoni. Ntitwokwibagirako abigisha b’ababakutsakivi be n’abitanga mukwigisha kubuntu bishobokako barenga abo 1000, ibishobora kuzotera icuka kibi bishitse bakabura akazi, bikazoruma abitanga bagabanuka.

Abavyeyi basaba reta kwicarira ikibazo c’indero kuva hasi gushika hejuru muntumbero yo kuzoshikira iterambere rirama.